Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe CVMR ryo muri CANADA rigiye gutangura ivyigwa ku butare (...)
Ishirahamwe CVMR ryo muri CANADA rigiye gutangura ivyigwa ku butare bw’Uburundi
lundi 20 Munyonyo 2017, par
Umushikiranganji Côme Manirakiza w’ubutare, agataka n’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ivyo vyigwa arivyo kwunganira ibimaze gukorwa, mu ntumbero yo kuzocukura ubutare bwo muma komine yo mu ntara ya Gitega hamwe n’igice co mu ntara ya Ruyigi.
- Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR (i bubamfu), ari kumwe na Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubutare n’agataka
Uwo mushikiranganji arongera akamenyesha ko ishirahamwe CVMR n’aho rikomoka mu gihugu ca Canada, ryaguruje ishami ryaryo mu Burundi, rikaba rigengwa n’amategeko y’igihugu c’Uburundi.
Mu kunguko Uburundi bugiye kuharonkera, umushikiranganji Côme Manirakiza amenyesha ko isoko rya Nickel n’ubundi butare rigiye kuboneka ku rugero runini. Avuga ati :
«Ubuhinga n’ubushakashatsi bugenda butera imbere, isi igeze aho imiduga izohora ikoreshwa n’ama bateri akozwe mu butare bwa Nickel n’ubundi butare dusanzwe dufise aha iwacu, mu kibanza c’igitoro. Nta nkeka ko ubutare bwacu bugiye kugira agaciro kanini na rirya igiciro ca Nickel caduze kw’isoko mpuzamakungu».
- Umushikiranganji Côme Manirakiza niwe yateye umukono kuri ayo masezerano, kw’izina rya Reta y’Uburundi
Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR, amenyesha ko gukorera mu Burundi ari intambwe ikomeye.
"Ni umunezero n’iteka kuri twebwe kugiriranira amasezerano na Reta y’Uburundi. Twariyemeje kuzokora mu kiringo gito gishoboka ivyigwa vyo gucukura ubutare, tukaba dufise intumbero yo guteza imbere ubutare bw’Uburundi »
- Kamran Kausan arongoye ishirahamwe CVMR
Tubamenyeshe ko ivyo vyigwa bizomara umwaka umwe, bikaba bizotangura mu ntango z’umwaka w’2018.

Pacifique BUKURU
Messages
20 Munyonyo 2017, 23:28, par Muduri
Bwana ministre Manirakiza,none ico abanyagihugu bazokwungikiramwo n’ikihe,kutakivuze?Ko mperuka ukingira inyungu zawe mu kambi y’impunzi i Muhero,n’ubu nturahinduka?Egoiisme niyo yishe abanyafrika!Ahari umutima utaga,urushato rwimbaragasa rwisasira batanu!Ni mwige gusabikanya amatungo ya leta n’abanyagihugu bose b’i Burundi,nimba mutazi ko bishiboka,murabaza muri Finland,Swed ,Holland,...babigishe uko babikora!Umunyagihugu abayeho ku bwa Leta,apana Leta kubaho kubwanyagihugu!