IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME rivuga amafaranga ya Reta hafi imiriyadi 300 yaburiwe (...)

Ishirahamwe OLUCOME rivuga amafaranga ya Reta hafi imiriyadi 300 yaburiwe irengero

mardi 20 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ivyo vyigwa nyene bikenewe ku mafaranga ava mu butare bw’Uburundi. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uwu wa mbere n’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire.

Nk’uko tubishikirizwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ico cegeranyo kivuga amafaranga agera hafi ku miriyaridi amajana atatu yaburiwe irengero mu mwaka uheze w’2017. Muri OLUCOME bakavuga ko bamwe mu bategetsi babifisemwo uruhara, hamwe n’abari ku ruhande rwabo.

Ayo mafaranga yaburiwe irengero ari muma Dosiye agera kuri 40 yasuzumwe n’iryo shirahamwe, muri OLUCOME bakamenyesha ko vyari bikwiye ko Abarundi bamenyeshwa aho amafaranga yategerezwa gushika mu kigega ca Reta azimirira.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.