Ishirahamwe PARCEM rivuga ko hari ikibuze ku mafaranga atangwa y’iterambere ry’amakomine

Yanditswe na Callixte NDIKUMANA
Kuya 3 Ndamukiza 2018 saa 12:28
Yasomwe :
0 0

Umwihwezo wakozwe n’ishirahamwe PARCEM, w’ukuraba uko uburyo buhabwa amakomine bukoreshwa werekana ko hari ikintu gihaze kugira inyungu ibonekane ku munyagihugu.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM mu kiganiro yatanze kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 03 Ntwarante 2018, ku kibazo kijanye n’iterambere ry’ama komine, yashikirije ko komine ari ihangiro y’iterambere mu gihugu, ndetse ko hariho n’imigambi ikorwa ku rwego rw’igihugu yo guteza imbere amakomine uko umwaka utashe.

Uwo arongoye PARCEM avuga ko muri rusangi ko habuze ico bita umugambi ufatira kuvyo komine ishoboye n’ivyo ubutunzi kama komine ifise bituma haba iterambere mw’ikomine.

Kubwa Faustin NDIKUMANA, hari inkingi 6 zitaboneka neza mw’iterambere rya komine ingene zihagaragwako, ingene zishigikirwa nazo akaba ari : intwaro ibereye, ukuntu abikorera utwabo mw’ikomine botezwa imbere, amagara y’abantu, ivy’indero no gufungura, ibiharuro komine ifise ikorerako impande zose mw’ikomine, ukuntu amafaranga aronderwa n’uko akoreshwa n’igendurwa ry’uburyo bukoreshwa mw’ikomine.

JPEG - 32.6 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Faustin NDIKUMANA avuga ko atabona ico amafaranga atangwa y’iterambere ry’amakomine amaze gukora, aho akaba ari mu gihe n’ayandi ari mu gutangwa mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi.

Uwurongoye PARCEM asaba Reta ko amafaranga atangwa yokoreshwa mu kurondera iterambere ry’ikomine.


Kumenyekanisha

1
Mama 3-04-2018 à 16:24

None ivyontuvubiyemwo ivyo papa Burundi aherutse kuvuga akebura abahabwa aryamahera? Ntiwibuka koyananeguye abayakoresheje mukwubaka inyubakwa ya Zone yigorofa.
Gusa rekatubuge kobiryoha bisubiwemwo.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha