Ishirahamwe "Youth Globe" rihamagarira urwaruka kumenyera kwironderera akazi

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 03:11
Yasomwe : 3834
0 0

Ishirahamwe ryishinze kwigisha urwaruka ibijanye n’imigambi yo kwitegeza imbere mu kwironderera akazi “Youth Globe” rimenyesha ko hariho akaryo n’amahirwe menshi ku rwaruka ko gushobora gutanguza imigambi yo kwiteza imbere, ariko ko benshi bibagora kubibona.

Mu nama ishirahamwe Youth Globe yatunganije ku rwaruka rutandukanye rwavuye mu ntara zitandukanye, Hakizimana Museveni aserukira "Youth Globe" yamenyesheje ko igikorwa bakoze co guhuza urwaruka rutandukanye hamwe n’abagwizatunga bari kumwe n’aborongonzi batandukanye b’amashirahamwe bizofasha kugira urwaruka ruhane ivyiyumviro rushobore kubona ko hariho amahirwe mu gihugu yo gutanguza imigambi, kuko urwaruka rwinshi rutabizi.

Hakizimana Museveni yavuze ati : “Twahamagaje uru rwaruka kugira turukaburire ubwenge ku vyerekeye kwiyungunganya mu migambi y’iterambere, gutyo rushobore kwikora kumigambi yarwo, kuko hariho amahirwe yo gutanguza imigambi benshi mu rwaruka batazi”.

JPEG - 97.1 ko
Hakizimana Museveni aserukira "Youth Globe"

Uwo arongoye "Youth Globe" ashikiriza kandi ko atari ingorane yo kubura amafaranga ituma urwaruka rudatanguza imigambi, ariko ko benshi mu rwaruka bashaka gutangurira ku migambi isaba amahera menshi kandi umuntu ashobora gutangurira ku migambi mito mito. Avuga ko izo nama bategura zimaze gufasha urwaruka rumwe rumwe gutanguza imigambi yarwo.

Manirakiza Lievin ari mu bitavye iyo nama avuga iyo nama izobazanira akunguko kuko izotuma bahindura ivyiyumviro bari bafise kugira bashobore kurondera ubuzi ubwabo bafatiye kuvyo bize mu mashure, kuko muri Reta ata kazi kagitangigwayo.
Ku bwiwe, abona ko imbere yo gusaba umutahe ko urwaruka rwobanza kugira imigambi kuko atawosaba umutahe ata mugambi arashobora gutegura.

Kubwa Niyonteze Fabiola, nawe nyene ari mu bitavye iyo nama ashikiriza ko iyo nama izomufasha kwugurura ivyiyumviro kugira ashobore kubona akaryo afise mu gutanguza imigambi mu gihugu, kuko abateguye iyo nama babahuje n’abantu benshi bamaze kugira ico bashitseko, bikazobasha kubafatirako akarorero kugira biteze imbere.

Tubibutse ko iyo nama igira 5 itunganijwe n’ishirahamwe "Youth Globe", uwu mwaka ikaba yatunganijwe ku civugo : “Uburyo bwo gutanguza imigambi mu Burundi”.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha