Ishirwaho rya komine Buhayira ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 mai 2018 saa 01:27
27870
0 0

Umukuru w’igihugu yagirishije inama nshikiranganji kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Rusama 2018. Mu biri ku rutonde rw’ivyigwa, harimwo ishirwaho ry’ikomine ya Buhayira, y’intara ya Cibitoke.

Muri iyo nama nshikiranganji ya kabiri umukuru w’igihugu agirishije ari kumwe na Reta Nshasha, hategekanijwe kwiga kandi, integuro y’itegeko ritunganya gushasha imbibe za komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke, iyo nayo ikaba yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ibindi vyigwa muri iyo nama nshikiranganji, ni integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rishiraho umurwi w’igihugu ugenzura umugambi wo gutera ibiri wiswe, ‘’Ewe Burundi urambaye.’’

Ikindi cashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ni integuro y’itegeko rigenga imfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere IDA, amasezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2018.
Abashikiranganji bariga kandi utuntu n’utundi.


Kumenyekanisha

1
Nsabimana Alexis 31-05-2018 à 00:24

Uburundi Nibuhavye Ibindi Bihugu Bigize Uwo Muryango. None Ibihugu Biri Muruwomuryango Wo Mubuseruko Bigiye Kurangwa Nuru Papuro Rumwe Rwinzira ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha