Itegeko rihana abatunze ibintu bitangana n’imishahara yabo ririmwo amahinyu

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 23 Kigarama 2017 saa 01:30
28455
0 0

Muri sentare ijejwe kurwanya ibiturire bamenyesha ko itegeko ryo guhana abantu bafise amatunga arengeye imishahara bahembwa ridatomoye neza, ku buryo bigoye gufata ibihano.

Mu kiganiro co gushikiriza ivyaranguwe mu myaka cumi iheze ikigo kijejwe kurwanya ibiturire gishizweho, Elie Manirafasha atwara igisata co kurwanya igiturire amenyesha ko amategeko ahana abafise amatunga adasiguritse ridatomoye, akavuga ko hagiye kuba impinyanyuro zimwe zimwe.

Arongera akavuga ko bigoye kumenya neza ko abafise amatunga arengeye imishahara bahembwa bisigura ko ari ubusuma, akavuga ko hari abantu basanzwe biyungunganya gutyo bakaronka amatunga atavuye mu mishahara ya Reta.

Elie Manirafasha asaba uwo wese yoba azi abafise amatunga avuye mu bunyonyezi ko yobishikiriza igisata kijejwe guhana abarya ibiturire no kunyotora amatunga ya Reta.

Ikigo kijejwe kurwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatunga ya Reta catanguye gukora igenekerezo rya 5 za Munyonyo 2007, kikaba kirumije imyaka 10 gikora.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha