Itegeko rivuga umunsi w’amatora y’ibwirizwa shingiro ryateweko umukono

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 19 Ntwarante 2018 saa 08:59
Yasomwe :
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye umukono kuri uwu w’Imana kw’itegeko rihamagarira Abarundi kuzokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Nk’uko biri muri iryo tegeko, imigambwe canke inani z’imigambwe yipfuza kwigisha abanywanyi bayo ibijanye n’itorwa ry’iryo bwirizwa shingiro isaba kwiyandikisha mu murwi ujejwe gutegura amatora, kuva kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante gushika kurya 6 Ndamukiza 2018. Iryo tegeko rivuga ariko abarekuriwe kwiyandikisha ari abakwije ibisabwa n’amategeko.

Ku munsi w’ugutora iryo bwirizwa shingiro, Abarundi baba hanze y’igihugu bazotorera ahari ubuserukizi bw’Uburundi, abasirikare nabo barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu itandukanye bakazotorera mu bibanza ababatwara bazobereka, ivyo bibanza navyo bikazotorwa n’abatwara abo basrikare, babifashijwemwo n’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora (CENI).


Kumenyekanisha

1
ndayisenga richard 19-03-2018 à 18:56

amahoro nabe muritwese abarundi

2
erc 19-03-2018 à 11:21

aho babeshango abanyagihugu ngobiteguriye guhindura ibwirizwa nshingiro. yemwe nukubabeshera ndayicariye yarabihejeje hasigayeko itarike igera abitangaza . nukugora abanyagihugu ndayicariye azovugako baritoye 51 nibice 60 /kwijana muzoba mumpinyuza muga bize biberere.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha