Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itegeko ry’ugusaka ibirwanisho mw’ijoro ririko ririrwa n’abashingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko ry’ugusaka ibirwanisho mw’ijoro ririko ririrwa n’abashingamateka

Itegeko ry’ugusaka ibirwanisho mw’ijoro ririko ririrwa n’abashingamateka

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA niwe ari gusigurira abashingamateka ibiri mu nteguro y’iryo tegeko risubirwamwo. Bimwe murivyo akaba ari ububasha abaporisi bohabwa bw’ugusaka uwukekwako icaha, batabanje kumwereka uruhusha, hamwe n’uko abaporisi boshobora gusaka mw’ijoro.

JPEG - 122.8 ko
Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane niwe ari mu nama nshingamateka gusigura ibijanye n’iryo tegeko

Ivyo biriko vyigwa n’inama nshingamateka ni ivyasabwe na Reta y’Uburundi, ibicishije mu nama nshikiranganji, aho yemeza integuro y’itegeko rivuga ko igitabu c’amategeko cohinyanyurwa mu bijanye n’ingene imanza zitohozwa mu bikorwa vy’ugusaka. Muri iryo hinyanyurwa, bitegekanijwe ko ugusaka gushobora gukorwa no mw’ijoro, ata n’urupapuro rubitangira uburenganzira rubanje kwerekanwa, mu gihe abashingamateka bovyemeza kuri uwu wa gatatu.

JPEG - 168.7 ko
Abashingamateka bitavye ivyo bikorwa, mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe

Muri Reta y’Uburundi basiguye ko iyo ngingo yafashwe kubera ubukozi bw’ikibi bushasha bubandanya kwibonekeza.

"Haribonekeza ubukozi bw’ikibi bushasha buza buravuka, bisaba ko muri ico gitabu hajamwo ingingo nshasha, cane cane mu bijanye n’ugusaka, aho usanga nko ku vyaha bimwe bimwe umutahe w’ugusaka utorindirwa, ndetse n’ugusaka mw’ijoro bikazoba ngombwa.", uko niko Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yabishikirije.

NZOBONARIBA yamenyesheje kandi ko iyo nteguro yemejwe n’inama nshikiranganji irekurira abajejwe amatohoza gusaka no mu mashine "Nyabwonko" bakavanamwo ivyo bakeneye bibafasha mu matohoza barimwo.

Ibijanye n’iyemezwa canke isubirwamwo ry’iyo nteguro y’itegeko turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma, mugenzi wacu ari mu nama nshingamateka y’Uburundi niyaheza gukurikirana ayo makuru.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Amategko Yarashaje.Umva Nkumuntu Aheranira Amahra Uyundi Ngo Ntihafatwe Nakimwe Muvyatunze!Ntibibaho!Nakarenganyo.Ahubwo Benuyo Ninzu Baba Bakwiye Kuyimwaka.Kuk Kudahanimbwa Birwiza Imisega.Bahagabire!

  • Amategeko ntasaza.
    Mwe ahubwo ni mushinge irindi tegeko rivuga ivyo nyene mushaka.

    Kuba mwokwiga ingene mwosaka ibigwanisho mwijoro ni vyo ariko mwiyubare caaane kuko hari ho abantu bashirwa mw isaka ariko 1)bamwe bagahisha 2)abandi bakarenganya abo bafise ico bapfa mukugenda bitwaje ikigwanisho bakinyegeje hama bakaja kucagiriza umunyagihugu bashaka kumurenganya gusa M.N:muri mwebwe ntimuhuza mwese gutyo rero hariho ababironkeramwo inyungu yakaryo ko gutorokesha ibindi bigwanisho.murakoze

  • gusaka mwijoro nivyomuga bizebibe mumutekano ntangere ntihaze hagire uwuzorenganywa bizoba vyiza kurusha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.