IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > u Burundi > "Ivy’imanza vyarabaye akayobera bahinga"

"Ivy’imanza vyarabaye akayobera bahinga"

Thursday 28 December 2017, by Jean De Dieu

Bernard Nduwimana, umwarimu mu mashuri matomato, avuga ko kugira imanza muriki gihe ari ibintu bigoye cane.Ku bwiwe, ngo imanza nk’izo zo gusozera umwaka zisigaye ari umugani kubera ubukene bwugarije imiryango.Bernard avuga ati «nta buryo bwo gukora urubanza bw’ubunani bukiboneka.Ubu umuntu arondera ukwo yoronka udufaranga twoheza ukwezi navyone bisigaye ari umuzi w’ibuye.»

Mariya Ntunzwenimana, umuvyeyi w’abana batanu, ngo kubera yamenyereje abana kubanezereza, biragoye ko kumusi w’ubunani atobagirira urubanza.Mariya avuga ati «ntibicoroshe ko dukora imanza nka kera.Hari ubukene bwinshi ariko nzokwifukafuka kugira abana baryohegwe, nayo ivy’imanza vyarabaye akayobera bahinga».

Mukanyonga Adelaïde, adandaza impuzu z’abana, avuga ko abaguzi b’impuzu batari ikirenga nko mu myaka yahera.Mukanyonga ati «nta baguzi tukironka ku bwinshi.N’abaza bavuga ngo ibintu birazimvye bagahitammwo kubiheba.Ubu turonka abadushorera bake cane gusumba n’abo twaronse ku munsi wa noheri.Nizeye ko muriyi misi ibiri isigaye abaguzi bazokwiyongera nayahandi ibintu bizoba bitugoye».

Imyidogo ikaba ari myinshi haba kuruhande rw’abaguzi, ndetse no kuruhande rw’abadandaza.


Pacifique BUKURU

Forum posts

  • Ego ni ivyukuri imanza zarabaye amayobera atari ukubera ubukene nyabuna ari ukubera Abarundi bashaka kwama mu misi mikuru, gusesagura no gushaka kwarekana ko bakomeye mukugira imanza ndenzarugero.
    Imanza ni urutavanako kandi bisaba amafaranga meshi cane. Abarundi bigana abari ku butegetsi ngo bagire imanza nkabo bakibagira ko bo bababa banyuruje amamilini n’amamiliyoni baba bariko bikura akuya. Nyarucari nawe agashaka kugira nkabo. Birababaje kwama imisi yose abantu bari mu manza zitaja ntizize. Ni uburenganzira bwabo ariko hari abaguye mu mutego w’aba DD. N’uwuhejeje primaire ubu basigaye batereka.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.