IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Marie MUHIRWA yarahiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Jean Marie MUHIRWA yarahiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

vendredi 21 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Jean Marie Muhirwa aheruka gutorwa n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira aserukire igihugu c’Uburundi, mu kibanza cahoramwo Hafsa Mossi, mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yarahiye icese kuri uwu wa kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2016, atangura ubuserukizi bw’Uburundi muri iyo nama nshingamateka.

Ico gikorwa cabereye ku cicaro c’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) giherereye muri Tanzania, indahiro yiwe ikaba yakiriwe n’umukuru w’iyo nama nshingamateka, Daniel F.Kidega, nk’uko amategeko agenga umuryango w’Afrika y’ubuseruko abiteganya.

Jean Marie Muhirwa, yinjiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko kuva kuri uwu wa kane, ni umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Kirundo mu mugambwe CNDD FDD. Izina ryiwe ryemejwe n’abashingamateka 103, kuri batandatu batamwemeje.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.