KARERWA : "Uburundi nta ciza bwiteze kizova i Geneve"

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 juin 2017 saa 08:56
Yasomwe : 31167
0 0

Mu gihe ku magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi 2017 hazoshikirizwa icegerenyo ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi i Geneve, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko Uburundi ata ciza bwiteze kizova muri iyo nama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu.

Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro catunganijwe n’ibiro vyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryiyemeje kuja imbere mu kuvuguruza abarundi, kuko ariryo rizotanga ibikenewe vyose.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO yavuze ko mu kwezi kwa Ruheshi 2017, umugambi wo kuburabuza abarundi biciye mu guhungabanya inzego bishiriyeho ugiye kwongereza umuvuduko.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akamenyesha ko abateguye inama y’i Geneve bahisemwo kwinyegeza inyuma y’Inama Mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu, kubera ivyo bagiriza Uburundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu bitagira ifatiro kandi bitagira ishingiro.

Kubwa Jean Claude KARERWA NDENZAKO, icegeranyo kizoshikirizwa mu gisagara ca Geneve cifatira mu gahanga Uburundi, agatangazwa n’ingene ico cegeranyo canditwe n’umurwi wiswe uw’abahinga bigenga EINUB bisunze ivyandikwa ku muhora wa whatsapp.

Mwomenya ko Uburundi buzooserukirwa i Geneve n’umwe mu baserukira Uburundi mu bihugu vya Buraya.


Kumenyekanisha

1
HARINDINTWARI,BRAWUNI 3-06-2017 à 20:04

BURYA,HARICO,BIZOFASHA,UBURUNDI, ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha