IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kaminuza y’Uburundi yibutse imyaka 22 iheze abanyeshure barenga ijana (...)

Kaminuza y’Uburundi yibutse imyaka 22 iheze abanyeshure barenga ijana bagandaguwe

mardi 13 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Inkuka y’imisa y’ukwibuka abo banyeshure yabaye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi, ikaba yari yitabwe n’abacitse kw’icumu muri ubwo bwicanyi, hamwe n’abavyeyi b’abanyeshure bagandaguwe.

Muri iryo joro ubwicanyi bwabereyeko, mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi ku Mutanga, i Kiriri hamwe n’i Zege mu ntara ya Gitega, bamwe mu bahora biga muri ico kigo bamenyesha ko abanyeshure bitwaje ibirwanisho biraye muri bagenzi babo b’Abahutu babagandagura bunyamaswa. Ababikoze ntibaramenyekana.

Umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, Gaspard BANYANKIMBONA asaba ubutungane ko bwofasha, kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi bashengezwe.

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bumenyesha ko uko umwaka utashe, buzokwama butunganya umugirwa w’ukwibuka abaguye muri ubwo bwicanyi, aho akaba ari mu gihe uwo mugirwa wahora utunganwa n’ishirahamwe AMEPCI-Girubuntu.

JPEG - 91.5 ko
Inkuka y’imisa y’ugusabira abahitanwe n’ubwo bwicanyi bwo mu mwaka w’1995

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.