Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Abana batatu barimwo babiri bavukana bapfuye bahitanwe (...)
Kanyosha : Abana batatu barimwo babiri bavukana bapfuye bahitanwe n’umuyagankuba
jeudi 5 Ndamukiza 2018, par
Nk’uko twashoboye kuvyibonera ahabereye iryo bara, ico kibanza gishinzemwo igiti kiriko intsinga zitwara umuyagankuba wa REGIDESO.
Abana bitavye Imana hamwe n’abandi bo muri iyo micungararo bakinira muri ico kibanza umupira w’amaguru hamwe n’izindi nkino zitandukanye.
Mu gihe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu abo bana bitavye Imana bariko benena ku cuma gifashe ico giti gitwara intsinga z’umuyagankuba wa REGIDESO, umwe muribo yafashwe n’umuyagankuba, abandi 2 barakurikira mu gihe bari bagiye gutabara uwo yafashwe.

Amakuru atangwa n’ababa hafi y’ahabereye iryo sanganya avuga ko ishirahamwe REGIDESO ryoba rifise uruhara muri izo mpfu z’abo bana, kuko intsinga z’iryo shirahamwe zitari zikingiye neza.
Abantu bo muri ako gace basaba ko abakozi ba REGIDESO bosuzuma neza ico giti, kuko bavuga ko hariko urutsinga rwoba rwarashishutse rugakora kuri ico cuma.

Callixte NDIKUMANA
Messages
5 Ndamukiza 2018, 09:34, par ruberintwari anaclet
birababaje . Abavyeyi bigumye. Imana yakire mu bwami bwayo ivyo bibondo
5 Ndamukiza 2018, 14:47, par ndayishimiye echiel
biragoyekweri.bihangane.
5 Ndamukiza 2018, 21:17, par Danny Nshimirimana
Ntakund Uhoraho Yakire Ivyobibondo Abavyeyi Nabo Bihangane Ntakundi Niyo Nzira!
6 Ndamukiza 2018, 10:14, par Niyukuri mukombozi
barundi barundi kazi rukundo rwigihugu turahojeje mwihanganire ivyaraye bibay nimwihangane kuko mwisi ariko bigenda tukiri muriyisi turacariko turaca mubikomeye humura mwihangane niko bigenda