Accueil > Amakuru > u Burundi > Karerwa:’’Reta yiteguriye kubaza Ububiligi ingene umuganwa Rudoviko Rwagasore (...)
Karerwa:’’Reta yiteguriye kubaza Ububiligi ingene umuganwa Rudoviko Rwagasore yishwe’’
vendredi 17 Ntwarante 2017
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA NDENZAKO amenyesha ko ata nyungu n’imwe Reta y’Uburundi ikura mu kubana nabi n’ibindi bihugu.
Mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye za Reta, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwaka wa 2017, mu ntara ya Makamba, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ukutabonana neza hagati y’Uburundi n’Ububiligi bitatanguye mu mwaka wa 2015.
Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu yavuze ko umwumvikano muke hagati y’Uburundi n’Ububiligi ari ivya kera.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiteguriye kubaza igihugu c’Ububiligi ingene umuganwa Rudoviko Rwagasore yarwaniye intahe yo kwikukira kw’Uburundi yagandaguwe.
Ico kiganiro cari kiremeshejwe kandi n’umuvugiuzi wa Reta,hamwe n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa.
IGIHE
Messages
18 Ntwarante 2017, 05:25, par Wakera
Uwo Karerwa mbe Ndenzako yarirose ryari? Iyonzigo afitiye abanya Europe nuko yahungiyeyo bakamwomora hamwe yaratorotse igisoda kubera inzara!!! Uwo yamye arumuhemu, umukunziwinda kuva muri SMO ari i Muramvya 1996 ( Ecole de la gendarmerie) no muri Iscam (32ème promotion) . Ntacafise ashikiriza akorera Sebuja kubera ubushonji n’ubukunzi bwinda bwiwe! Go to hell
18 Ntwarante 2017, 06:03, par .
Nyakwubahwa Karerwa Jean Claude Ndenzako umuvugizi wumukuru wigihugu, avuze neza kuko asanzwe, kuko ivyavuze yase kuvuga arenzako kandi abaduteje akaga biraramiye kandaribo ivyago vyose abarundi bagaciyemwo aribobabibateye, ubonako ivyo ababirigi bavuga vyose muri ONU yaca ivyemera ukwo kubera ububirigi bwagumyemengo nibwo bukontorora uburundi nama raporo yose yu Burundi meza canke mabi kuburundi ububiringi nibwobwabitanga kandi ONU ikavyenera vyose, kandimuvyukuri amakuru ububiringi bwatwara abarundi batazi ukuntu ububirigi aribwo bwatwara amaraporo yimvuburundi kandi bwarikukiye izubaryaka!
Nkayomerwa rero ukunto abakozi ba ONU bahabwa amaraporo yivyuburundi naba birigi bakemera kuyatora nokuyakorerako kandi bafise muma documents ko uburundi bwamaze kwikukira butagikontororwa nububirigi!!!
18 Ntwarante 2017, 06:36, par Prosper
Kwiyonkuru Nuk Uburundi Bwosubira Kurondera Ubucuti Nibindi Bihugu Nkububigi Nibind Ukaraba Aho Vyapfiriye.
18 Ntwarante 2017, 08:04, par Cobla Rouge
Ivyo muriko muripfuza kugerako n’ibitabapfu, ntakizobuza u Bubiligi kubarebgutsa muri Sentare mpuzamakungu i la Haye,fimbo chapa
18 Ntwarante 2017, 12:05, par Nkurumbi
None se boba hoho aribo bamwishe mushaka iki?indishi yakababaro canke?izo science zanyu ninto cane abanyagihugu bato twarabahinyuye mwebwe nimwe mufise ico mupfa nayo twebwe muduhe amahoro,ntakwihorana dukeneye.
18 Ntwarante 2017, 14:05, par Mob
Kuyobya uburari com
23 Ntwarante 2017, 16:02, par tari
Mbe uwo karerwa aho yivovota ubu niho bageze kubabara ivya rwagasore igihe uwitwa ndiho jerome yirirwa yishongorera yo ko batikije abantu za bugendana ibuta teza nahandi ko batize b atubwirako bazokwishuza ububiligi rwagasore mugabo ntibitangaje abavugizi ba nkurunziza bose na basazi nka shebuja
24 Ntwarante 2017, 16:45, par Côme
NTA KUNTU YOBANZA IKATUBWIRA UKO NDADAYE YISHWE ? ITINYA IKI ?
25 Ntwarante 2017, 12:15, par NIYONGABO
NIYUMVIRAKOMWOMPAAMAKURU,COM