Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza: 12 baciriwe gupfungwa inyuma yo gufatanwa ubutare bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza: 12 baciriwe gupfungwa inyuma yo gufatanwa ubutare bwa (...)

Kayanza: 12 baciriwe gupfungwa inyuma yo gufatanwa ubutare bwa Coltan

samedi 14 Nzero 2017

Abanyarwanda 11 n’umurundi umwe baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Kayanza,bagirizwa kwiba ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan muri Komine ya Kabarore,intara ya Kayanza.

Babiri muri abo,baciriwe gupfungwa imyaka 15,abandi 10 baciriwe gupfungwa imyaka indwi.Bose hamwe bagirizwa kwiba no gushora ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan hanze bidaciye mu mategeko.

Buramatara w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye, yavuze ko bose uko ari cumi na babiri bafatanywe ubutare bwa coltan na casiterite, bakaba bari abanyarwanda 11 n’Umurundi umwe yabaherekeje.

Uko ari cumi na babiri bafashwe n’abajejwe umutekano mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 13 Nzero 2017,babafatana ubutare bungana itoni imwe n’ibiro mirongo ine n’indwi.

Mu rubanza rw’ikibiriraho sentare nkuru y’intara ya Kayanza yabaciriye ,umunyarwanda yari abarongoye hamwe n’umurundi yabereka aho baca baciriwe gupfungwa imyaka 15,abandi bacirirwa gupfungwa imyaka indwi umwe umwe wese bagiriwe n’icaha co kugira uruhara muri ubwo busuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.