Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza: 12 baciriwe gupfungwa inyuma yo gufatanwa ubutare bwa (...)
Kayanza: 12 baciriwe gupfungwa inyuma yo gufatanwa ubutare bwa Coltan
samedi 14 Nzero 2017
Abanyarwanda 11 n’umurundi umwe baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Kayanza,bagirizwa kwiba ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan muri Komine ya Kabarore,intara ya Kayanza.
Babiri muri abo,baciriwe gupfungwa imyaka 15,abandi 10 baciriwe gupfungwa imyaka indwi.Bose hamwe bagirizwa kwiba no gushora ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan hanze bidaciye mu mategeko.

Buramatara w’intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye, yavuze ko bose uko ari cumi na babiri bafatanywe ubutare bwa coltan na casiterite, bakaba bari abanyarwanda 11 n’Umurundi umwe yabaherekeje.
Uko ari cumi na babiri bafashwe n’abajejwe umutekano mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 13 Nzero 2017,babafatana ubutare bungana itoni imwe n’ibiro mirongo ine n’indwi.
Mu rubanza rw’ikibiriraho sentare nkuru y’intara ya Kayanza yabaciriye ,umunyarwanda yari abarongoye hamwe n’umurundi yabereka aho baca baciriwe gupfungwa imyaka 15,abandi bacirirwa gupfungwa imyaka indwi umwe umwe wese bagiriwe n’icaha co kugira uruhara muri ubwo busuma.
IGIHE
Messages
14 Nzero 2017, 09:40, par KAYANZA
Ntabwenge mugira yomukuraho burundu ntimwibuka ivyo badukorera?
14 Nzero 2017, 13:42, par John
Imyaka 15 nimike cane, kuki batabarashe? Kugira babere akarorero abanyaru Bose babasuma
14 Nzero 2017, 16:44, par Kararuza
Izo n’Interahamwe, raba ingene basa!mu Rwanda basa neza sinkizo ntozo yaco mutubesha
14 Nzero 2017, 22:55, par Georgidi
@kararuza. None murwanda ninde uyobewe ko abahutu mwabahinduye abacakara. Kugeza naho bafatiwe i Burundi kubera inzara bikorera izo Gsegereti. Njye nasaba leta y’uburundi kubarekura hanyuma bagasigarana uwari ubayoboye. Kandi bakabihanangiriza. Ntibazagaruke. Kuko kagame asigaye akoresha abahutu mukuneka.
14 Nzero 2017, 23:30, par edouar
baragafatwa kuk bar badutwaye amafaranga meshi. naburya igihugu cacu kir mubukene
15 Nzero 2017, 05:38, par bakame
Urugo rubi rurutwa na gereza.
Mubagaburire ibiharage birire baryame.Haguma ruseke.
15 Nzero 2017, 07:13, par Erast
Iyomubacirauwoguherayo Akonagasotoro Ngbaducireibihano.
15 Nzero 2017, 07:31, par nzogwakumureri
Wewe wiyita kararuza kumenga ufisubwoba kobacakiye abajura babanyagwanda ?tekereza kagame ntahazomenera nibibwana vyiwe
15 Nzero 2017, 09:07, par Gateka
nimumese izontakebwa
toa fuji wew #Kararuza, abanyarwanda Basã gute, turungikire ifoto yawe turabe ivyo bitangaza vyaba nyarwanda
15 Nzero 2017, 11:08, par turaje
izo nizanterahamwe mucumbikiye muzazikoze ICO mushaka kuko zanze gutaha kuneza nta munyarwanda wumutima yakora ibyo murashakisha u Rwanda kumpande zose ariko ntimuzarubona kbs.
15 Nzero 2017, 20:46, par Karumbeti Eloi
Mbega Uwo Yanditse Ati Iyo Babarase Isi Ntakijama Kuko Bahaye Barondera Ubizima Hamwe Ejo Wofatwa Nawe Urihenze Cane
16 Nzero 2017, 08:17, par Nowera Nimbona
Izonizanterahamwe mwijije muzivanye muri kongo!
16 Nzero 2017, 10:30, par turaje
@kararuza ntibakubwire nabi wangu izo nizanterahamwe zimbonerakunya zidafite indero zatojwe nawamuhinzi wamavoka nibiharage peter.
16 Nzero 2017, 10:59, par kongwe
Uwufishe amakosa nuwutabishe nkijo nkuru ntidukuye kujimenya ico nicayi
16 Nzero 2017, 21:07, par Kaca
Ooya!!oyaa ntamunyarwanda yoza kwiba muburundi niyamihimbiri yimbonerakure isigaye yigira imana
17 Nzero 2017, 08:33, par Kararuza
Ererga twe Abarundi birazwi ko dufitiye ishali u Rwanda,baradusize nka 100 ans,turabizi ko ntamunya Rwanda yoza kwiba ngaha mu Burundi,yibe iki? umwanda? Cholera? izo n’interahamwe hamwe naza montage za DD