Accueil > Amakuru > u Burundi > "Kwibuka urupfu rwa RWAGASORE ni inzira yo gusubiza hamwe"
"Kwibuka urupfu rwa RWAGASORE ni inzira yo gusubiza hamwe"
vendredi 13 Gitugutu 2017, par
Muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri NGOYAGOYE yamenyesheje ko hari abantu usanga bibuka ivya kahise kugira bihore kuvyabaye, nk’uko vyari bimaze imyaka myinshi biba hagati y’Abadagi b’aba Katorika n’Abadagi b’aba poroti.
- Inkuka y’imisa yabereye kuri Cathedral Regina Mundi i Bujumbura
Musenyeri Evarisito NGOYAGOYE, mu nsiguro yiwe, yashimikije ku gisabisho ca Dawe wa twese, aho yagarutse ku majambo avuga ko umuntu akwiye kugirira ikigongwe abandi kugira nawe abone kugihabwa.
- Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura
Ivyo birori vyo kwibuka igandagurwa rya Rudoviko Rwagasore vyabaye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Gitugutu 2017, vyatanguriwe n’inkuka y’imisa, bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye bagizwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’ivyegera vyiwe bibiri, hamwe n’abandi bategetsi bagize Reta y’Uburundi.
Inyuma y’iyo misa, ivyo birori vyabandanirije ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, ku musozi Vugizo. Inyuma yo kwumviriza ubuzima bw’umuhisi umuganwa Rudoviko Rwagasore, haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe. Uwatanguye ni umukuru w’igihugu c’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi.

Mu guheraheza ibirori, abitavye ivyo birori baciye bumviriza mu gacerere ijambo umuganwa Rudoviko Rwagasore yavuze igihe umugambwe UPRONA watsinda amatora yo kw’igenekerezo rya 18 Nyakanga 1961.
Vianney BIKORIMANA