’’Kwinjiriza ibihugu bibiri iwacu ni iteka kuri twebwe’’

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 25 janvier 2018 saa 01:28
19485
0 0

Mu nama igira 20 ya COMESA igiye kubera I Bujumbura ku magenekerezo ya 18 na 19 Ndamukiza 2018, ibihugu vya Tiniziya na Somaliya vyasavye kwinjira muri COMESA bizokwinjirizwa icese mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe I Bujumbura.

Zephyrin MANIRATANGA, atwara umugwi wo gutegura iyo nama, amenyesha ko ari intambwe nini Uburundi bugiye gutera mukwakira inama igira mirongo ibiri ya COMESA, ko bizoba bigiye mu bikogwa bikomeye igihugu cakiriye.

« Uburundi buzohungukira cane haba mu gisata c’ingenzi, ubutunzi, ndetse n’imigenderanire n’ibindi bihugu.Hazoba ukwunga ubucuti butandukanye n’ibihugu bizoba vyitavye ihuriro.Mu gihe Tiniziya na Somaliya bizokwinjirira ku butaka bw’Uburundi, kizoba ari ikitibagiranwa kuri bo kikaba n’iteka kuri twebwe. »

Tininiya na Somaliya bikaba bica bikwiza ibihugu 22 bigize COMESA


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha