Accueil > Amakuru > u Burundi > Lydia NSEKERA yashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abahitanywe (...)
Lydia NSEKERA yashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abahitanywe n’ihonyabwoko mu Rwanda
jeudi 10 Myandagaro 2017
Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE Rwanda, amenyesha ko ahejeje gusigurirwa kahise karanze igihugu c’Urwanda n’ingene ihonyabwoko ryateguwe rikongera rigashirwa mu ngiro, Lydia NSEKERA ari kumwe n’abandi barongoye amashirahamwe y’inkino mu bihugu bitandukanye,batemberejwe ibibanza bigize icibutso bongera bashira ingori z’amashurwe ku mva zishinguwemwo abababa ibihumbi 250.

Lydia NSEKERA, yavuze ko bifise ico bisigura mu nkino muri rusangi kuko bimwibutsa ko iyo abantu baba bariko barakina badakwiye guhagarara ku bwoko , ku rurimi canke ikindi ,yavuze ko ahakuye ubutumwa bwo gukora ku buryo ihonyabwoko ritazosubira kuba ahandi hose kw’isi.
Yavuze ati “ Nivyo twaje hano kuko ni ibintu dutegerezwa gukora kuko amacakubiri uko yoba ari kwose dutegerezwa kuyahagarika uko dushoboye mu nkino mpuzamakungu , hari aho tuvuga tuti : Kwinonora imitsi ni ivya bose, nta kuraba igitsina, ubwoko canke ikindi. Twaje hano rero kwifatanya n’abanyarwanda kwibuka, turavuze tuti ntibizosubire kubaho. ”.

Lydia NSEKERA ari mu rugendo mu gihugu c’Urwanda, mu ntumbero y’inama mpuzamakungu yiga ku bijanye no kwongerereza inguvu z’abakenyezi no kubaha ijambo mu zindi nzego zitandukanye.
Lydia NSEKERA yigeze kuba umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, asanzwe kandi ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

MUGISHA Van Naris
Messages
11 Myandagaro 2017, 08:44, par kigabo jean marie
urahagabira madame imbonerakure za nkuru...uzitege niwagera i burundi zizagukoreraho nkuko zabikoze kuri Afsa Mossi.
13 Myandagaro 2017, 07:02, par Magwi pascal nteturuye
’ ivyo nivyo araraba neza kuko imbonerakure ntizerekw ibijany nivy,urwanda rero uhagabire magabo
13 Myandagaro 2017, 07:02, par Magwi pascal nteturuye
’ ivyo nivyo araraba neza kuko imbonerakure ntizerekw ibijany nivy,urwanda rero uhagabire magabo