IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Lydia NSEKERA yashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abahitanywe (...)

Lydia NSEKERA yashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abahitanywe n’ihonyabwoko mu Rwanda

jeudi 10 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE Rwanda, amenyesha ko ahejeje gusigurirwa kahise karanze igihugu c’Urwanda n’ingene ihonyabwoko ryateguwe rikongera rigashirwa mu ngiro, Lydia NSEKERA ari kumwe n’abandi barongoye amashirahamwe y’inkino mu bihugu bitandukanye,batemberejwe ibibanza bigize icibutso bongera bashira ingori z’amashurwe ku mva zishinguwemwo abababa ibihumbi 250.

Lydia NSEKERA, yavuze ko bifise ico bisigura mu nkino muri rusangi kuko bimwibutsa ko iyo abantu baba bariko barakina badakwiye guhagarara ku bwoko , ku rurimi canke ikindi ,yavuze ko ahakuye ubutumwa bwo gukora ku buryo ihonyabwoko ritazosubira kuba ahandi hose kw’isi.

Yavuze ati “ Nivyo twaje hano kuko ni ibintu dutegerezwa gukora kuko amacakubiri uko yoba ari kwose dutegerezwa kuyahagarika uko dushoboye mu nkino mpuzamakungu , hari aho tuvuga tuti : Kwinonora imitsi ni ivya bose, nta kuraba igitsina, ubwoko canke ikindi. Twaje hano rero kwifatanya n’abanyarwanda kwibuka, turavuze tuti ntibizosubire kubaho. ”.

Lydia NSEKERA ari mu rugendo mu gihugu c’Urwanda, mu ntumbero y’inama mpuzamakungu yiga ku bijanye no kwongerereza inguvu z’abakenyezi no kubaha ijambo mu zindi nzego zitandukanye.

Lydia NSEKERA yigeze kuba umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, asanzwe kandi ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.