IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MSD : "Ibiriko birakorwa ntibihesha agaciro NDADAYE Melchior

MSD : "Ibiriko birakorwa ntibihesha agaciro NDADAYE Melchior

jeudi 20 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Gitugutu Uburundi buzokwibuka imyaka 23 iheze hagandaguwe umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, incungu ya demokarasii y’Uburundi, mu mugambwe MSD bamenyesha ko uwo munsi ushitse mu gihe Abarundi bamaze imyaka bari mu marira n’amaganya bitagira izina. Kubw’umugambwe MSD, ubutwari n’ishaka vyatumye NDADAYE ahaguruka kugira agwanire demokarasi mbere akanayigura, ntikwari kugira Abarundi babandanye bapfungirwa ubusa, bahohotererwa ubuzima.

Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye, bamenyesheje ko umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior atemeye gutanga amaraso yiwe kugirango abarundi babandanye bicwa, bangazwa.

Muri iryo tangazo, Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi wa MSD yagize ati : "Ahubwo yarondera ukwishira n’ukwizana ku barundi bose, yarondera ubutungane butunganiriza bose, yarondera iterambere kuri bose atavanguye, yarondera ineza y’Uburundi n’abarundi bose. Ariko ibiriko birakorwa ubu ntibihesha agaciro amaraso ya nyakwigendera umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE."

Mu mugambwe MSD bahamagarira Abarundi bose mu butandukane bwabo, kubandanya bafatanye mu nda, mu ntumbero yo gushikana Uburundi kuri demokarasi nyayo Melchior NDADAYE yarondera, agatako akanayigura.

Tubibutse ko NDADAYE Melchior yari umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu, akaba yari umuhutu arongoye igihugu cari kimaze imyaka n’imyaka kirongowe n’abatutsi. Muri Reta yiwe, yaciye agena umututsikazi, Sylvie Kinigi, nk’umushikiranganji wa mbere wa Reta yiwe. Niwe mukenyezi wa mbere yari ashinzwe amabanga akomeye muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Gitugutu umwaka w’1993, niho ubutegetsi bwa Ndadaye Melchior bwatembagazwa, agirako aragandagurwa, co kimwe na Pontien Karibwami, umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Inyuma y’urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior, n’abandi bategetsi benshi b’abahutu barishwe, mu Burundi bwose haca haduka intambara yahitanye abarundi isinzi, abandi barahunga igihugu.


IGIHE

Messages

  • Amakungu Yarihe?Ko Atafashe Acire Imanza Abishe Umukuru W’igihugu Nabandi Benshi Bamukurikiye?

  • Muri MSD huzuyemwo abamenja bamugandaguye. None urukundo rwo kumuvugira rubaye rwinshi. Emwe niho bavuze abarundi turi ya ngwe igutwara igitungwa.

  • Aba sans échecs baravuga nabo,ivyo mwakoze muhejej kumwica muturira abahutu n’amapine mwibaza ngo twaravyibagiye. Muradedemba mwa mijeri mwe.

  • Ndadaye we we ngirango Abamugandaguye Ngirango Ntibasheshe Amaraso Kuko Abajejwe Agateka Kazina Muntu Ba ba Abomugihugu Canke Abo Mumakungu Ntituzi Kobari Bwabwho Niba Ariho Bari Bikubite Agashi Ubutungane Kuri Bose.

  • Mwaramugandaguye None Muriko Muvugako Yiguze Demokarasi !Kuki Mutamuretse Ngwayitsimbataze? None Raba Nubu Uwo Imana Yadushumbushije Muriko Mumwirukako Ngwatwaye Manda Izi Naziriya! Mbega Manda Za Ndadaye Tuzozishuze Muzirihe Mpaka! Hama Nimwitwengere Mwabatutsi Mwe MSD Kimwe Cahora Citwa CPI Carabakingiye Nticabarengutsa ,reka Rero Leta Yacu Irongowe N, Umukuru W, Igihugu Itsimbatazwe Demokarasi Mugufata Ingingo Nziza Yo Kukivamwo Ico cpi kuko ataco cakoze kurimwebwe. hama musubiriye tuzobasongako mpaka.

  • Iki Kinyamakuru Cakira Ivyiyumviro Vyabatutse Gusa !Ibibakorako Ntibemera Ko Bicoko!

  • Mwaramwishe Atamanda Mumuhoye None Raba Nuwo Imana Yadushumbushije Muriko Mumuboreregwako!Mbega Mwamuhoye Mandant Yakangahe Ko Arimwe Mwamugandaguye Aba MSD? Icitwa CPI Kigaca Kibakingira !Reka Gikurwe Ho Kuburundi Nakare Carabakingiye ?Mukihenda Mugasubira Tubirukako!

  • Guturira abomwitimbonerakure nivyo ndadaye yabatumye? Nokwica indongozi zikuru mugisirikare? Urumva démocraci nuko mwovyonga ntibabafunge.mutembagazubutegetsi atawubakoma.barabahenze namategeko azohindurwa habe nibihanovyaruhasha tura muruhuke.Ingo imbere yubutungane mwishure kuruburofa.

  • MURADUKOZE MUNKOVO MBEGA KOMUTAVUZE ABAHUTU ISINZI MWATURIRA. MBEGA NDADAYE NAW KO MUTAVUGA MANDAT MWAMUJIJIJE YOBA YARI IYAKANGAHE? MUZ MUSUBIRE MUBESHE TWABAHINYUY KERA. AHUBWO HABUZE ABAVUGA MSD NDEMEY MURUBAHUKA KUKO AMABI MWAKOZE ARAKWIY KANDI TUYAZ GUSUMVYA UKO TUZ IFARANGA.

  • IVYOVYO MURIBUTS BUBIDEDEMBA. MBEGA KO MUTASHIMYE KUVUGA MANDAT MWAHOYE NDADAYE? AYOMASEZERANO YIHARUSHA NIBWIRIZWA SHINGIRO YARI YARENZE NAYAHE? TWARABAHINYUY MURASUBIRA.

  • YAJANYE DEMOKARASI MUCAMURAMUGANDAGURA.UBUNIHO MUKIBONA KAYARAFISE AKAMARO.NKURUNZIZA WE ARABABEREYE UMURURAZI.

  • Wavenzwe,urabaza neza muri M.s.d n,ihurire ry,abafis ibiganza bizira amaraso,umugambwe utagira ubwoko,uharanira kurangwa n,ivyiza uzoba warakoze aho guharanira kurambira mumafuti kubw,inda ndende kumwe Rwagasore na Ndadaye bavyiyamiriza,iragi Ndadaye yadusigiye ryo guhabuza Democratie tuzorigendera kugeza aho Uburundi bushasha buzira imihimbiri,ibisuma n,abambuzi bubonetse.

  • Eeeeee!!!!!mwambura bugirire mwe ko arko mwamye muduhekura mwabamenjamwe Epithase ishavu tubafitiy mwaduhekuy umubyeyi none mugir ngo musubire cire birarura urya nimukore umbone ntanakazobara inkuru kazosigara mukinire ahandi urya ni commandant supreme umugaba wingabo mwihende intambara izohagarikwa nimana yonyene sindababeshe.

  • Aba MSD bwabundi ndabumvuse ndibazi uwariwe umukuru wumugambwe wabo (Alexis Sinduhije!)
    Rekandababwire: Uwomwumva ngoni Alexis Sinduhije ivyoyakoze inyuma yiyicwarya NDADAYE ubunako yariyaciye ababa umu SAns Achecs ntivyigeze biha agacire NDADAYE peee , urazigabasha kubona umuntu bamushira ipineu yimodoka mwizosi ameze nkuwuryamwe maze bagashirako esasi bagaheza bakadome akarurumba abona azunguza umutwe ururumba umuriro mpaka kugeza apfuye abamuturiye mamukikuje bisejera! Burya aba MSD ntacondabagiriza kuko sindabazibose ariko Alexis Sinduhije ntubone ngwivyakora ngwabikora nkumusazi abiterwa namabi yakoze akiri umu Sans Achecs barakoze ishano.

  • Ahubwo kazoba Ari akamaramaza igihe aba dd bo murako karwi kabicanyi numukuru wako nkuru bazogamika izosi ejo Ngo bagiye kumwibuka ningene birirwa baramukoza isoni mukwirirwa baricira abantu ubusa bababoreza igufa babapfungira ubusa babasahura babafata kunguvu babangaza kandi ivyo ndadaye atavyo yigeze yigisha ahejo uzosanga banize yamakositime nakaruvati vyuzuye ibidengeri vya maraso yaba bu Burundi birirwa barakerera ba gamike amazosi Ngo bagiye kwibuka ndadaye kuko wogirango babatoboye amatwi mugabo murabandi mwogiye kuraba aho mwihisha nka kumwe kwa gahini ahejeje kwica mwene wabo abeli

  • Bene Buyoya na bafasha biwe bari ku muvumo. aho bari hose amaraso ya Ndadaye yarabakurikiranye bazopfa bangara bazoshira nkurwa Bikomagu birirwa barasabiriza mu makungu.

  • ereg ibipfamutimantibirahera!mbega aboba msd mukuvugangondadayebamukoramunkovu ,ahorerobavugakotutaz ivyobakoze?cankehoho bashakaguhum amas amakungukuvyobakoze?canke,har umunt ayobewe ko bakozishanoridakorwa?egodatatureken ivyo ,umukuruwa msd nind ataz ivyoyakoze? nibarekekutwiyezako kukoturabazi nomumigumukohonyene ivyobakozeturabizi. nayomutamawacu nibamureke kuko nibaba barariye isake inkonayoyo ntibazokorako. nibayifyinako izobashishima.

  • Mwibaze Kuberiki Abapresident Nabategetsi Bagandaguwe Arabahutu Gusa! Ex:incungu Zukwikukira(rwagasore,umugorewiwe Nabana,ngendandumwe,..) Incungu Za Democlasi( Ndadaye,mukantibantunganya, Ntaryamira,..) Incungu Zukwikukira Nyakuri : Adolphe,kararuza, Dariusi,afsa Mosi.Abatutsi( MSD) Muri Abiyorobitsi Pe Nkabishe Yesu Babonye Acikanye Ngo Nukuri Yarumwana Wimana,namwe Ndadaye Ngo Nukuri Yarincungu Yademoclasi? Kandi Arimwe Mwamwishe.Amaraso Yiwe Azobahumira Basha.

  • Mureke kubwejura basha.migira n’umukuru w’igihugu imana yatwihereye imuhezagiye nawe mumwice.

  • nabado baracahunga kuber amada mare mare

  • abarundi turi maso ntibihende ko hageze kuvugira incungu za bahutu n akaryo keza ko kwirimbura

  • Abakoze ibara Bigaye Bamaramare Twubake Uburundi Bushasha Tutitaye Kuri Mandat Ya Nkurunziza Kuko Ndadaye Mukugandagurwa Ntiyazize Manda !

  • kugira aho ushigikiye nivyiza ariko tureke ikinyoma MSD muyivuze vyishi mbega komuca kuruhande aboba dd bakiri mwishamba aho bahora baja muma barabara bakura bantu muma modoka barisha umwanda mukuru babahitishamwo uwushushe nuwu kanye abo nibo bica neza ? rero iyo muvuze amabi yabaye bamuvuga vyose kuko birazwi amabi yabaye nimeshi nayo ndadaye imana imuhe iruhukiro ridashira abarundi ntaco twari bwamugaye kandi ntaco twari bwamushimire koko yara tanguye neza pe ariko mwibuke nkurunziza ava mwishamba yaratweretse impinduka dukoma amashi ariko raba iyatugejeje?izuzi ntizitemba ibiziga!!!

  • MSD ntiyariho ca Ndadaye uburero tuvuga abayirimwe twabonye baturira abantu kuko abari muri MSD uyumusi hariho abari abana kiriyagiye CA NDADAYE.
    Abobari abana bashobora nabo kuzovurwa murikazoza ivyobashobora kubabariko barakora mikigihe CA Nkurunziza .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.