Makamba : Impunzi z’abanyekongo 43 zakiriwe n’abajejwe intwaro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 Nyakanga 2017 saa 09:20
Yasomwe : 8892
0 0

Ubutegetsi bwa komine Nyanza-Lac y’intara ya Makamba, bumenyesha ko bwakiriye impunzi 43 zivuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo zihunze intambara zihuza abasirikare ba Reta n’umurwi w’abarwanyi b’aba Mayi Mayi.

Nkuko amakuru ava aho i Nyanza-Lac abimenyesha izo mpunzi zigizwe n’abagabo 15, abagore 13, abakobwa bakiri bato 10 n’abahungu 5, bose bava mu gace ka Karamba, mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.

Uko ari 43 bashitse ku munsi wa kane igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, bashikira kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Kabonga.

Amakuru ava aho i Nyanza-Lac amenyesha ko umurwi w’abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR bamaze gushika kuraba aho izo mpunzi zashikiye,kugira barabe ico bofasha mu maguru masha.


Kumenyekanisha

1
nephtalie 9-09-2017 à 15:26

uburundi bwamye bwakira impunzi kuva kera.Icatumye izompunzi zihungira mu Burundi n’uko har’amahoro n’umutekano.Abacafuza igihugu mumakungu ngo biracika bamenye ko babesha kuko iy’abatamutekano uhari ntibari gutumbera mu Burundi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha