IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Marguerite BARANKITSE yashinze intahe imbere ya Papa Francis

Marguerite BARANKITSE yashinze intahe imbere ya Papa Francis

mercredi 2 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Marguerite Barankitse, ni umwe mu bantu bane bashinze intahe zabo z’urugendo rwabo rw’ubukirisitu hamwe no gutanga ikigongwe, igikorwa gikomeye caranze urugendo muri Suède rw’umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Francis.

Ico gikorwa cabereye mw’ihuriro ryahuje abantu bagera ku 10 000 mu gisagara ca Malmö, inyuma y’inkuka y’imisa yo kwibuka Martin Luther yatanguje idini ry’Abaporotesitanti yabereye muri Cathédrale ya Lund.

Inyuma y’ijambo rya Papa Francis n’Umuyobozi w’ihuriro ry’Aba-Luther kw’isi, Révérend Munib Younan, abitavye ico gikorwa bumvirije intahe z’abantu bane barimwo umuyobozi wa Caritas-Colombie yagize uruhara mu biganiro hagati ya Reta ya Colombia hamwe n’abarwanyi ba FARC, umuhinga mu bidukikije w’Umuhindi, impunzi y’Umunyasudani y’Epfo hamwe n’umurundikazi Maragarita BARANKITSE.

Nk’uko tubikesha Radio Vatican yakurikiranye ico gikorwa, mu ntahe yashinze, Marguerite Barankitse yamenyesheje ko yabayeho mu bihe bikomeye vy’ubwicanyi bushingiye ku moko mu mwaka 1993, agaruka no ku rugendo rwiwe rugana gutanga ikigongwe, hamwe n’uko yitangiye abo badahuje ubwoko.

Barankitse yamenyesheje ko yahuye n’itotezwa mu Burundi, ndetse atakaza abantu bagera kuri 60 bo mu muryango wiwe, ariko yiyemeza gutanguza ishirahamwe "Maison Shalom" [Inzu y’amahoro], yakira impfuvyi zose, ataravye ubwoko.

Yavuze ko igihe mu mwaka w’1993 habaho ubwicanyi, yahunganye n’abana indwi yarera, barimwo bane b’abahutu na batatu b’abatutsi, akizera ko nihagira abaza kubica bari mu bwoko bumwe, abari mu bundi bazobarokora.

Yagize ati : ‘‘Inyuma haje abantu bo mu bwoko bwanje, ndagerageza gukingira abahutu, ariko ntibanyumviye. Baramboshe, bicira imbere yanje abantu 72. Nabandanije kwigisha abantu ko twese turi abana b’Imana, turi abakirisitu. Nkabaza nti kuki twicana ?’’

Barankitse avuga ko gutanga ikigongwe atari ikintu kitoroshe, ariko akavuga ko kubw’inguvu zidasanzwe bishoboka, naho bifata igihe.


IGIHE

Messages

  • Nb: Pardon de mon francais

    REASON ET ORIGINS
    Tous ces demarches est d’installer une dictature qu’ils veulent.
    HUTU-TUTSI division est un CRIME contre l’humanity avec millions de mort depuis 1950 causer par la belgique et l’allemagne en creant une division qui n’existe pas.UN MENSONGE PROFESSIONEL.!!J’ai voyager et vecu dans 6 pays d’afrique et je vis tjrs en afrique et je suis burundais et j’ai ete surpris de voir un seul pays africain a bcp de tribus avec langue et culture clairement differente et meme au sein d’une seule ethnie on trouve des gens qui sont physics tutsi or hutu mais ils ne voient meme pas que ils sont differents!!
    Donc je suis sur que hutu-tutsi ont eu un seul encetre pas aussi longtemps et que c’est un messange que un est venu d’un pays etranger sinon il serait venu comme bebe de 6mois et il a appris le kirundi!!!comment donc on parle la meme langue sans meme dialect entre nous!!.

    POURQUI LA DIVISION

    L’occident doit installer un ordre politic sur base de division pour exploiter les richesses.Notre unity est dangerous pour la belgique et ce pays prefer nous faire les rotations ethniques au pouvoir en fonction de context politic au rwanda ou burundi mais a condition que l’un domine l’autre.Ilsont besoin de garder un comme enemie de l’autre au cas ou ils ont besoin de changer le pouvoir.
    Ce sytem vient des colons et des university catholics et jesuits.
    La belgique et la france (avignon )est le centre des organisations clandestines pro-catholics qui creent et financent les ONGS-PRESSE au cas ou ils ont besoin de changer le pouvoir.
    Ces organisations datent de 15em siecle et etaient directement controller par les jesuits mais maintement ils sont indirectement controller par ces catholique.
    L’Usa,englettere qui etaient "blessed" protestant sont recement (depuis 19emsiecle) infilter par vatican et jouent comme soldats of change commender par the pope.
    cette eglise joue double language et a creer le communism contre USA protestante et a detruit le communism pour etre applaudit et infilter USA.
    Une strategy reussit car AMERIQUE fait fait ce que vatican demande......
    Lenine,staline,karl mark etaient jesuits.
    L’ONU a ete founder par les jesuits
    La banque mondiale ,bcp de banks et universities vienent des jesuits et indirectement controler par eux.
    Le livre de Hilter a te ecrit par un pretre jesuit qui le visiter en prison.
    Avec le temps ils vont accepter nkurunziza tout en creeant son ennemy afin de le detruire apres
    C’est comme si ils acceptent votre lutte,l’alimente et vous detruire au casde faiblesse.Le cas de bcp de dictature passe.
    Mais je conserait d’etre vigilant avec cette eglisque mais je fait jamais une erreur d’aller tres loin contre l’eglise catholic.
    c’est cette meme eglise qui a diviser l’afrique a chaque pays europeen.
    Mais c’est cette meme eglise qui prone l’agenda: EQUALITY-DISTRIBUTION OF WEILTH,GLOBAL WORMING,DEMOCRATIE et cette agenda est respected et suivi par L’ONU et appris dans les syllabus des universities simillary partout au monde comme si le monde a un SEUL MAITRE avec un agenda commun.
    Cette eglise avait un problem pour les pays arabes mais apparent ils vont reussir avec le temps d’etablir l’ordre que elle veut .
    hollywood est controller par cette eglise en utilisant les juifs.
    c’est qui est sure est que l’eglise catholic a un dieu for mais qui est ce dieu!!!
    Jesus ou Satan!!
    D’apres les fondateurs du protestantism(Martin king,calvain, john knox,...)ont tous dit que cette eglise est antichrist et a eu le pouvoir de jesus et apres elle a accepter le pouvoir de satan.
    L’objectif principal de cette eglise est d’unifier le monde par force sous une bonne loi ou l’homme sera heureux et de Dieu.
    c’est pour cela que le monde a le livre de loi comme "freedom charter" replacant la loi de la bible venant de france et ecrt par Voltaire qui etait jesuit.
    Charter of human rights est bonne mais a long term l’objectif est clairemt de ne pas liberer l’homme contre son prochain mais c’est plutot de liberer l’homme contre Dieu.Comme le serpent l’a fait avec Adam
    c’est pour cela on voit loi et propagande same sex marriage ,same sex public toilet et au fur et a mesure.
    on dirait que avec le temps le pecher (desobidiance) dominera et c’est l’objectif principal de satan.
    Mais celui qui est en Christ sprirituellemt sera proteger.
    Mes freres c’est plus spirituel que politic tous ce que vous voyer
    J’aime · Répondre · 29 octobre 2016 13:16

  • mamawe!!! kwica abahutu 72 kwisegoda tutibagiye nabaciye bagandagurwa hiryanohino mugihugu, turamushimiye kukuba ashize ukuri kwivyabaye muburundi. uyumukecuru yarabahenze ngo baze abanyegeze baraza hama acaja guhamagara ababica, rero turasavye ONI yemezeko muburundi habayeho ihonyabwoko ryakorewe abahutu kuva72. kuko ibimenyetso birahari nivyinshicane.....

  • Owo mugabo papa ntavyiwe arahengamye murabe kuva igihe abarundi bakiciwe mugabo akaba atakintu nakimwe co gutera ivyatsi ubwo bwicanyi Na babukora akaba atanico avuga kwitotezwa niterabwoba vyirirwa birakorerwa aba patiri Na basenyeri biwe uwo mugabo jewe mbona ko atakamaro ko kuja Ku mwasama imbere kuko nasanze atamahoro ashakira abarundi

  • Twige ingene abarundi twokwiyambura ubuhutu n ubututsi ivyo vyarashaje n ibirwanisho vy abanyepolitique kugira baronke ibiti bicakirire agafaranga natwe turiko turaryana amenyo

  • Twige ingene abarundi twokwiyambura ubuhutu n ubututsi ivyo vyarashaje n ibirwanisho vy abanyepolitique kugira baronke ibiti bicakirire agafaranga natwe turiko turaryana amenyo

  • Ni Hatali. Imana Idufashe

  • Mbe ko mutatubwira ko Desire Uwamahoro ari mu gasho?akari inyuma karahinda, Uwamaraso Desire iminsi yawe yashitse

  • Nukuri ,ntawutobikenguruka ,.uretse ko twica amatwi ,Maggy jewe nakuriye muruyigi ,Gisuru ,numva bamuvuga neza kuko hari abo twigana bimpfuvyi yafasha mwirerero ryimpfuvyi rya Gisuru. Nivyo vya politik ntavyari bihari . ubu ,kuva aho duhungiye naramwunva ubu naramwibineye kuko yadusubije kuma university ,Rwanda .ntanakimwe yaravye turi ubwoko bwose .jewe ndi umuhutu , umuntu azi Imana ,ashira imbere urukundo. Yemwe nide atomushimira ? Mbe Jesus we yarashimiwe nabantu ? .Nahezagirwe tuzomufasha gushima.murakoze.

  • Maragarita Imana imuhezagire cane kubikorwa vyiza akora, nawe weyita Kamaro ivyuvuga biragusa, kweri ntakamaro urimwo. Mbesha koharabahutu biciweko abatutsi babanyegeje nibobabatanze ngobichwe?. Habanintete sibobatanze ngobichwe, umwicanyi ndamugereranya nibwa yumusega, iyo yasaze nashebuja irenza kuwepfo. Maragarita Imana yaramuhezagiye wewe niwuzopfana intuntu kumutima.

  • nahezagirwe kuko hishwe abahutu! sha abatutsi! nuko yavuze ko kuva kera arimwe mwamaze abahutu, yabivuze mbere ari kucariho c’imana mais iyo mw’ijuru yumvise ivyabicanyi babatutsi Imana ibaturinde,ivyo mufuruguta vyose nivyubusa.

  • MARGUERTE UKOMERE UKO WAKINGIYE UBUZIMA BWABANDI NIKO NAWE IMANA IZAKOMEZA KUKUZIGAMA. URU MUVYEYI WAKARORERO MUBURUNDI .HEZAGIRWA RORANIRWA AHURI HOSE UHABE MUMAHORO.

  • Mbe maggy yabuze numwe yomenya murabo bicanyi?

  • Jewecombona Nagume Asengera

  • Maggy Imana igume ibahezagira kuvyiza mwakoze nivyo mudasiba guko Imana
    ibazigame

  • CVR nitangurire kuri uwo nyene

  • uwo mama national UHORAHO amwongerereze imisi yo kubaho kuko hari benshi tukikeneye impanuro ziwe na benshi babayeho kubwiwe.Imana imube hafi cane muvyo akora vyose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.