Martin NIVYABANDI : "Icegeranyo gishikirizwa i Geneve ntigikenewe"

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 juin 2017 saa 03:42
Yasomwe : 7299
0 0

Umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI, amenyesha ko Uburundi butitavye inama igira 35 y’akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu ibera i Geneve mu gihugu c’Ubuswise nk’ubugiye gukorana n’umurwi ukora amatohoza mu Burundi,ariko bugenda nk’igihugu kiri mu murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko umurwi washizweho ngo utange icegeranyo ca kabiri ku Burundi udakenewe ugereranije n’ivyashikirijwe n’umurwi wa mbere wa EINUB.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko icegeranyo cashikirijwe na EINUB ari icegeranyo gihengamye kandi hinyegeje inyuma yaco imvo za politike,kandi intumbero yaco y’ukuri ari ukurondera ibishoboka vyose kugira baronke uko bagiriza abari mu nzego za Reta ko aribo bahungabanije agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukorana n’urwego urwarirwo rwose,ariko rwoza rwubahiriza ubwigenge bw’Uburundi.

Umushikiranganji yavuze kandi ko Reta yemera kubandanya gukorana n’umurwi uwariwo wose,ariko uwo murwi woza wubahiriza ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi.

Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya yubahiriza agateka ka zina muntu aho hose bikenewe mu makungu, ariko hubahirijwe ubwigenge bw’igihugu n’imico y’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha