Michel KAFANDO aheruka kugenwa arizewe n’umugambwe CNDD FDD

Yanditswe na NDUWIMANA
Kuya 13 Rusama 2017 saa 11:09
Yasomwe : 9639
0 0

Umugambwe CNDD FDD urashima ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasubirije uwumuserukira mu Burundi, kuko uwahahora, Jamal Benomar, yari yagirijwe na Reta y’Uburundi ko yumviriza uruhande rumwe rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kandi ko n’ivyo ashikiriza ku Burundi ataba arivyo. Imyiyerekano y’ukumwiyamiriza yari imaze gutunganwa akatari gake.

Uwashinzwe amabanga y’ukuba umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi ni Michel Kafando, akaba yahoze arongoye Reta mfatakibanza ya Burkina Faso.

Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko bakiriye neza igenwa ryiwe, kuko igihe uwo KAFANDO yaserukira igihugu ciwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yakoranye neza n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu, nk’uko bishikirizwa na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 241.7 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Muri uwo mugambwe bavuga kandi ko bumvise ingene uwo yagenwe yitwaye neza, mu mwanya yamaze ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso.

Evariste NDAYISHIMIYE arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yizeye ko Uburundi buzovugwa uko buri : « Twizeye ko azomenyekanisha ukuri kw’Uburundi »

Michel Kafando w’imyaka 75 yabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso, kuva mu 2014 gushika mu 2015.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha