Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel Kafando asanzwe ari i Bujumbura yabonanye n’umuhuza Edouard (...)
Michel Kafando asanzwe ari i Bujumbura yabonanye n’umuhuza Edouard NDUWIMANA
mercredi 1er Munyonyo 2017, par
Urugendo rwa Michel KAFANDO rwabaye mw’ibanga rikomeye, kuva ku munsi w’Imana ari i Bujumbura, ivy’urwo rugendo bikaba vyatanguye kuvugwa kuri uwu wa kabiri, inyuma y’aho yakiriwe na Alain NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri naho, Michel KAFANDO yakiriwe n’umuhuza w’Abarundi, Edouard NDUWIMANA.

Juma Rukumbi, umuvugizi w’umuhuza w’Abarundi amenyesha ko muri uwo mubonano hagati ya Michel KAFANDO na Edouard NDUWIMANA wari ushimikiye ku bijanye n’ibiganiro, amahoro hamwe n’ugusubiza hamwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
1er Munyonyo 2017, 23:16, par Busurahende
Iyo KAFANDO azinduka gato uyo mwana wo mu Kayanza yari kumutwara mu myiyerekano yo kwereka amakungu ko Uburundi bwabaye igihugu ca mbere kw’isi kivuye muri CPI, ni ukuvuga kudahana ivyaha
2 Munyonyo 2017, 08:36, par Kararuza
Kafando ntaco avugana na Edouard Nduwimana,yitwa ngo ni umuhuza w’Abarundi kandi bizwi ko ahengamiye ku bicanyi n’Imbonerakure na DD, ntibizomuhira arabesha
2 Munyonyo 2017, 08:36, par Kararuza
Kafando ntaco avugana na Edouard Nduwimana,yitwa ngo ni umuhuza w’Abarundi kandi bizwi ko ahengamiye ku bicanyi n’Imbonerakure na DD, ntibizomuhira arabesha