IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Moscou:Uburundi bwatahukanye agashimwe mw’ihayanishwa mu gisata (...)

Moscou:Uburundi bwatahukanye agashimwe mw’ihayanishwa mu gisata c’ingezi

lundi 20 Ntwarante 2017

Igihugu c’Uburundi catahanye agashimwe mu gisata c’igihugu gishasha cinjiye mw’ihayanishwa mpuzamakungu mu gisata c’ingenzi, ryabereye ku murwa mukuru w’igihugu c’Uburusiya Moscou.

Muri iryo hayanishwa, igihugu c’Uburundi cahanishije impuzu z’ibiti, inzoga kavukire hamwe n’ingoma z’Uburundi zisanzwe zikundwa n’abanyamahanga batari bake.

Muri iyo ntumbero nyene, uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Uburusiya Edouard BIZIMANA yaratunganije umunsi aho abarundi baba mu gihugu c’Uburusiya hamwe n’abagiye bavuye mu gihugu berekanye akaranga k’Uburundi.

Uwuserukira Uburundi mu gihugu c’Uburusiya Edouard BIZIMANA yamenyesheje ko batunganije ibirori vyo kwerekana akaranga k’Uburundi , mu ntumbero yo kumenyekanisha igihugu mu makungu.

Umurwi w’abarundi wagiye muri iryo hayanishwa wari urongowe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.