’’ Mu bafashwe nta numwe yavuze ko yatumwe n’umunyaporitike.’’

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 13 février 2018 saa 04:37
13086
0 0

Mu gihe haciye iminsi umushingamateka Agathon RWASA amenyesheje ko abanywanyi biwe bashika 50 bamaze gufatwa bagirizwa kwigisha kuzotora Oya,umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKYE avuga ko mu bafashwe bose ata numwe yavuze ko ari uwo mu Runani rw’Amaziro y’Abarundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko abafashwe bose bariko bakora ibiciye kubiri n’amategeko kandi atawavuze ko yatumwe n’umunyeporitike.

Pierre NKURIKIYE avuga ko arico gituma buri muntu wese yafashwe ariko akurikiranwa ku giti ciwe bivanye n’amakosa yakoze.

Uwo avugira ubushikiranganji bw’umutekano atera akamo abantu bose kuhakura icigwa kuko hari abavuga ububeshi canke amajambo atajanye n’ukuri ko hariho abicwa kandi abantu bariho.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha