Mu giporisi barasiguye igituma bamwe mu ndongozi bahinduwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Myandagaro 2017 saa 01:18
Yasomwe : 29511
0 0

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bamwe mu barongoye igiporisi baheruka guhindurwa mu ntumbero y’ugushira mu ngiro itegeko rishasha rigenga igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza kandi ko inyuma y’abo bahinduwe, hagiye gusohoka n’ayandi mategeko y’umugenduzi mukuru w’igiporisi, aho hose akaba ari mu gushira mu ngiro iryo tegeko rishasha rigenga igiporisi nk’uko vyemezwa n’uwo avugira igiporisi aho agira ati :

"Nta cahindutse kinini uretse nka batatu canke bane, twovuga nk’uyu atwara igiporisi kijejwe umutekano wo mu mabarabara, uwahora atwara igiporisi kijejwe gukingira urwaruka n’imico kama, igiporisi kijejwe gutabara n’ingoga aho abantu bagumutse, n’igiporisi kijejwe kurwanya iterabwoba. Uretse nk’abo, abandi bagarutse ari nka babandi. Ni ugushira mu ngiro iryo tegeko rishasha rigenga urwego rw’igiporisi."

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Petero NKURIKIYE avuga ko benshi mu bagenwe ari abari basanzwe bari muri ayo mabanga.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha