Muganga Yohani MINANI yagiriza igiporisi ko camunyaze ubutunzi bwiwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 juin 2017 saa 05:45
Yasomwe : 25641
0 0

Muganga Yohani MINANI amenyesha ko ibikoresho vyose vyari mu nzu yiwe yo kwakira ingenzi iri mu ntara ya Kirundo vyanyazwe n’abapolisi bari kumwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi.

Muganga Yohani MINANI amenyesha ko mu vyatwawe harimwo intebe, ama matelas yo kuryamako, amasafuriya n’ibindi vyose bikoreshwa mu nzu yakira ingenzi.

Kubwa Yohani MINANI abatwaye ivyo bikoresho barazwi kandi n’abanyagihugu barazi aho vyatwawe, kuko babisohoye mu nzu babona.

Muganga Yohani MINANI akamenyesha ko inzu yiwe yo kwakira ingenzi yafashwe na Reta kandi ariyo izokerekana aho ivyibwe mu nzu biri.

Mu giporisi ntibaragira ico bashikirije kuri ivyo bagirizwa na Muganga Yohani MINANI, ikinyamakuru IGIHE kikaba kizorondera umuvugizi w’igiporisi kugira agire ico ashikirije.


Kumenyekanisha

1
HARINDINTWARI,BRAWUNI 14-06-2017 à 07:10

UBWO,UWOMUGABO,NTABESHERA,IGIPOLIC, ?

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha