IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Georges BIZIMANA : "Iyo umuntu arinze ata urugo rwiwe agahunga, (...)

Musenyeri Georges BIZIMANA : "Iyo umuntu arinze ata urugo rwiwe agahunga, aba afise imvo ikomeye"

mardi 14 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo ryashikirijwe na Musenyeri Georges BIZIMANA, umwungere samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza, akaba n’umukuru wa Caritas Burundi, yamenyesheje ko abo baserukira Ekereziya Gaturika mu Burundi baje nk’abungere, kuko kubw’abo baserukira Ekereziya Gaturika mu Burundi, iyo umuntu arinze ata urugo rwiwe, agahunga igihugu camwibarutse, aba afise imvo ikomeye ituma yumva ko aho yari ari umutima utari mu nda.

Musenyeri BIZIMANA yagize ati : "Twaje kubaramutsa kuko n’ubu muri abacu kandi muzokwama muri abacu, kuko na kare tugize umuryango umwe, umuryango w’ab’Imana basangiye urugendo."

Bashimiye Reta y’Urwanda

"Tukaboneraho n’ugukengurukira Reta Reta yo muri ki gihugu co mu Rwanda ku kuntu babakiriye mu kubaronsa ubuhungiro maze mukaronka uburenganzira bwo kuba mw’iteka ribereye ikiremwa muntu."

Barakengurukira umuryango w’ugutabara impunzi HCR ku kuntu abawuserukira babangutse mu kubaronderera uburaro, bakabaha udufungurwa, bakitwararika kubavura mu bihe vy’indwara no kubaha utundi tuntu twa nkenerwa, mbere na bakiri bato bagashobora kubandanya amashure abafasha guteza imbere ubwenge n’ukwitegurira akazoza.

Bavuga ko bagiye kubaremesha

"Mu kwiyumvira kuza kubasuhuza, twipfuje kandi kuza kubaremesha. Umuntu ari mu buhungiro yibaza vyinshi kandi agira n’amadidane menshi. Mu biha iteka ikiremwa muntu hariho kugira ubwigenge, agashobora no kurangura imigambi myiza y’ukwiteza imbere, gutyo akitegurira kazoza keza, akagategurira n’abiwe."

Musenyeri Georges BIZIMANA yemeza ko ivyo bigenda neza iyo umuntu abona ko ari iwe no mu twiwe, akipfuriza rero Abarundi bahunze ko hogera igihe umwe wese yumva ko yotahuka mu gihugu c’amavukiro, agasubira mu rugo rwiwe, akarima agatongo rwiwe, akagira n’uruhara mu kwubaka igihugu camwibarutse. Aho Musenyeri BIZIMANA yatanze umuco ko Ekereziya Gaturika itaje kubahungura ku nguvu.

"Ariko murantegere neza, icatuzanye si ukubahungura ku nguvu. Noneho turazi ko umutekano w’umuntu ahambere uhera ari mu mutima iwe. Mwebwe rero murafise uburenganzira bwo kuguma mu gihugu cabakiriye gushika aho muzokwumva ko mu mutima mufise ata koba kakibabangamiye."

Igisabisho ku Burundi

"Nitubandanye rero gusabira igihugu c’Uburundi kugira ngo imvo z’amatati zitorerwe inyishu amahoro ashingiye ku butungane asasagare hose no muri bose, maze bene Burundi bose batahuke batekaniwe kandi barangwa n’umwizero ushingiye mu kwemera n’urukundo."

Abaserukira Ekereziya Gaturika y’Uburundi basavye Reta y’Urwanda ko yobandanya ikingira umutekano w’impunzi z’Abarundi, ibugururira n’amayira y’iterambere.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.