Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Ubutumwa uwiyahuye yasize yandikiye abavyeyi biwe
Muyinga : Ubutumwa uwiyahuye yasize yandikiye abavyeyi biwe
vendredi 26 Rusama 2017, par
Ubutumwa yasize yandikiye abavyeyi biwe imbere y’uko yiyahura
Muri ubwo butumwa yanditse ati : "Bavyeyi nkunda, mumbabarire kuvyo nkoze, igihe cose nakoze akazi nari naronse uwunkoresha ntanarimwe yigeze anturubika. Nagize ideni rirenze mu gasandugu, ngira ngo rizohera, none ubu vyari vyarenze impinga. Naragerageje kuraba ukuntu ringana, ndaraba ukuntu ata kingoro na kimwe nariyemwo nca mpitamwo kwikura ku buzima.
Uwo nakorera niyaza gutora izo mfunguruzo ntimuze mumuteko ishavu kuko nawe afise umubabaro nk’uwo mufise. Ideni ryangana n’ibihumbi amajana indwi. Mu rwete nasize ndamwandikiye namusavye ko yobahebera, ariko niyabarihisha muramuha. Jewe rero ndabasezeye murabeho.
Ivyisi biragoye umuntu asigaye agira ideni ry’umurengera ataco yariyemwo. Murabeho."
- Ubutumwa uwiyahuye yasize yandikiye abavyeyi biwe
Ikiziga c’uwo musore catowe kimanitse ku mugozi, mu murima w’ibitoke, aho yiyahuriye.

Egide NDUWIMANA
Messages
26 Rusama 2017, 22:00, par FIACRE
Kwer hiyahura uranzo kuk abavye boyarish,cank agafurw akazofungurw,nibarab nakari muryang?
26 Rusama 2017, 22:01, par FIACRE
Kwer hiyahura uranzo kuk abavye boyarish,cank agafurw akazofungurw,nibarab nakari muryang?
28 Rusama 2017, 14:23, par SUGURU SEBASTIEN
IMANA NI MWAKIRE UWO MUKORESHA NAWE NIYIYUMVIRA ARAHEBERA ABAVYEYI BUWO MUSORE KUKO BA HOMVYE BOSE!
28 Rusama 2017, 17:01, par Felix Muhire
Uwu muntu yapfuye ataramenya Yesu ngo amwakire mu bugingo bwiwe. Amahera 700.000 yari kwemera akaburana kandi ntibari kumwica.