IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro : Abashingamateka bagendeye abanyeshure bakubiswe n’inkuba

Mwaro : Abashingamateka bagendeye abanyeshure bakubiswe n’inkuba

samedi 14 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bashingamateka bamenyesha ko bari bagiye kuremesha abo banyeshure, bongere babashikirize imfashanyo y’ibikoresho vy’ishure bari bagiye bitwaje, kuko muri iryo sanganya ry’inkuba yakubise kuri iryo shure, bamwe mu banyeshure bahatakarije ibikoresho.

Iyo mfashanyo yari igizwe kandi n’imfungurwa zashikirijwe ba ntahonikora bo muri ako karere.

Tubibutse ko umwe mu banyeshure icumi bo kw’ishure rikuru rya Mpanuka riri muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro bari bakubiswe n’inkuba kuri uwu wa mbere yitavye Imana ku bitaro vyo mu Kibimba, aho yari yatwawe kuvurirwa ari kumwe na bagenzi we bakomeretse.

JPEG - 100.7 ko
Umushingamateka Nininahazwe Godelieve, asanzwe ari umunyamabanga Mpuzabisata ajejwe intwaro n’amategeko mu mugambwe CNDD-FDD

Abo banyeshure bo kw’ishure rikuru ryisumbuye rya Mpanuka bakubiswe n’inkuba mu mvura yaguye kuri uwu wa mbere, aho akaba ari mu gihe ata minsi myinshi yari iheze, kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017, haheze iminsi mikeya gusa umwaka w’ishuri wa 2017 -2018 utanguye, kuri iryo shuri abanyeshuri batandatu bakomerekejwe n’amabati igihe ishuri ryaguruka kubera imvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uwo munsi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.