Ngozi : Umukuru w’igihugu yatanguje ihiganwa ryo kuzunguruka Uburundi ku makinga

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 11 décembre 2017 saa 12:17
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga “Pedal for Peace” ryatunganijwe n’ Ishirahamwe Afrika Mashariki Fest mu ntumbero yo kwerekana ko mu Burundi hari amahoro ,ryatanguye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Kigarama 2017,mu ntara ya Ngozi.

Ibikorwa nyezina vy’iryo higanwa vyuguruwe n’Umukuru w’Igihugu. Ivyo birori vyitabwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet Leo Nepias Njaravaza, umukuru w’umurwi utunganya amatora Pierre claver NDAYICARIYE hamwe na Buramatari w’intara ya ngozi ahabereye ivyo birori.

Ukwugurura iryo higanwa vyaranzwe n’ugutera ibiti 6 vyerekana ibihugu 6 bigize Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, Kisembo Ronex TENDO arongoye Afrika Mashariki Fest, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE bari mu bahiganywe ku makinga mu muce wabo bita VIP.

Iryo higanwa ryatanguriye I ngozi mu gatondo ko kur’uyu wa mbere rikaba rizomara imisi itanu.

Tubibutse ko babifashijwemwo n’ishirahamwe Econet Leo,cumi ba mbere bazozunguruka Uburundi bazohabwa agashimwe,uwuzoba uwa mbere akazohabwa agashimwe k’imiriyoni zitanu yongere ashigikirwe mu migambi y’iterambere.


Kumenyekanisha

1
peter dondogoli 12-12-2017 à 10:15

nivyiza kuba hatanuye kumugaragaro tour du burundi ark police nibishiremwo inguvu zihagije mugucunga umutekano wabakinyi bagahagarika imodoka

2
Kimo 12-12-2017 à 08:39

Nkubu kweli iri n’ihiganwa ?ko musanzwe mwigana u Rwanda muzokwigane uko bategura Tour du Rwanda ubu yabaye mpuzamakungu,iba ica kuri za TV5

3
Dumbuli 12-12-2017 à 08:37

Bashingantahe barundi barundikazi nubwo u Burundi bukennye abanyagihugu bibagoye kubaho ihiganwary’amagareni loisir ryazadufasha gutera imbere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha