IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nta bugizi bwa nabi buriho bujanye n’amatora" Umushikiranganji (...)

"Nta bugizi bwa nabi buriho bujanye n’amatora" Umushikiranganji BUNYONI

mardi 17 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu mezi 3 aheze, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko ata mirwi y’abagwanyi iriho naho hibonekeje ibitero vy’ibisasu ntezwantoki “Grenade”, imitego ikorwa ku miduga nko mu bice vya Gihanga canke kw’ibarabara rya Rugombo.

Alain Guillaume BUNYONI yavuze ko abantu bakwiye gukura mu mutwe ivyo kwiyumvira imirwi igwana kuko imitego yahora ikorwa yagabanutse ugereranije n’ibihe biheze.

JPEG - 107.1 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje kandi ko hari abantu canke "imburakimazi" zisigaye zikoresha inkoho mu buryo bushasha bwo kwihorana.

Uwo mushikiranganji w’umutekano yemeza ko n’igitero ca nyuma giheruka gukorwa basanze ari abantu bahawe amafaranga kugira bice umudandaza batumwe n’abandi badandaza kandi gushika ubu abo bantu akemeza ko bafashwe.

Ubushikiranganji bw’umutekano bubishikirije mu gihe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abitwaje inkoho bategereye umuduga kw’ibarabara bica abantu batatu, abandi bane barakomereka.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.