IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nta honyabwoko rishoboka mu Burundi"

"Nta honyabwoko rishoboka mu Burundi"

vendredi 2 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA arizeza ko ata honyabwoko rihari mu Burundi kandi ko ata n’irizokwigera riba. Kubw’uwo mushikiranganji, kugira havugwe ihonyabwoko mu gihugu, hari ibimenyetso bibanza kwibonekeza, ivyo navyo bikaba bidahari mu Burundi.

Aimée Laurentine KANYANA avuga ko ikimenyetso ca mbere aba ari igihugu kiri mu ntambara, ariko Uburundi bukaba buri mu mahoro, nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji w’ubutungane, i’imice yose y’abanyagihugu ikaba iserukiwe mu Reta y’Uburundi, inama nshingamateka ikaba ikora, igisirikare n’igiporisi bihari kandi vyubatse ku buryo bwubahiriza uguserukirwa kw’amoko yose.


IGIHE

Messages

  • ni wowe bazaheraho,vuga make mupfaso

  • niwirire akanotikawe ibindiho namahwa ukorako ugasha.arko nurabeko bitazohava bigukwegera akarambaraye kuberinda ndende yawe

  • Laurentine; muri Leta y’u BURUNDI yiyita ko irongoye uburundi none, ni wewe wenyene untera ishavu rikomeye cane, abandi bose ivyo bakora basa navyo, how come a very clever and beautiful wife like you, can work with such duty peoples. nene basigaye baguhenda no kuvuga ibintu bitakuri ku mutima kweli

  • wa mudamu we ivyo uriko uravuga ukoreshwa ninda yawe umenye ko ivyo urya vyopse nta na kimwe uzotwara ubike canke ureke wewe uriko ucira icobo ta famille uriko uvuga ko ata honyabwoko ririko riraba nta batutsi na bahutu bapfuye bazira ubwoko nivyiyumviro vyabo, urazi abana bacu bishwe abandi bakanyuruzwa urubahuka ukaja imbere yabantu kubera inda pfakurya mugabo uhore ureke kuta ururimi kuko ivyo uriko uravuga uzoteba ushike aho wicuza ndabikubariye.

  • wa mudamu we ivyo uriko uravuga ukoreshwa ninda yawe umenye ko ivyo urya vyopse nta na kimwe uzotwara ubike canke ureke wewe uriko ucira icobo ta famille uriko uvuga ko ata honyabwoko ririko riraba nta batutsi na bahutu bapfuye bazira ubwoko nivyiyumviro vyabo, urazi abana bacu bishwe abandi bakanyuruzwa urubahuka ukaja imbere yabantu kubera inda pfakurya mugabo uhore ureke kuta ururimi kuko ivyo uriko uravuga uzoteba ushike aho wicuza ndabikubariye.

  • wa mudamu we ivyo uriko uravuga ukoreshwa ninda yawe umenye ko ivyo urya vyopse nta na kimwe uzotwara ubike canke ureke wewe uriko ucira icobo ta famille uriko uvuga ko ata honyabwoko ririko riraba nta batutsi na bahutu bapfuye bazira ubwoko nivyiyumviro vyabo, urazi abana bacu bishwe abandi bakanyuruzwa urubahuka ukaja imbere yabantu kubera inda pfakurya mugabo uhore ureke kuta ururimi kuko ivyo uriko uravuga uzoteba ushike aho wicuza ndabikubariye.

  • uravuga ko nta ntambara iri mu gihugu kandi nyamitwe, prime, na mutama bagenda babundabunda n ababacungera umutekano bagenda bafise ubwoba? uratwenza mupfasoni. Ihonyabwoko ryo ryaratanguye kanatsinda imbonerakure niko kazi zihembrwa

  • Mama witonde.Ubu ndi hanze kubera wiki? So madam per attention.

  • Ndagushigikiye wamuvyeyiwe niwirambire mugihugu cawe camavukiro,
    Nayo abobavuga ngo hazoba itsembabwoko rindira nibo bazibonerako kandi ngira baramaze mwibonereko.
    Iconemera ihoryabarundi niryo baribashatse gukora maze abajejwe umutekano barabankira,
    Canke icobashaka gukora cari ihonya icitwa indongozi zuburundi haba iza reta canke izumutekano ivyonibintu vyibonewe nuwariwewese kandi nongahanyene wabonye kobatinyegeza muma comments batanzebamwe baciye baravya indimi namba ataruguta intoke bavugango icokubaha bakagutsemba mwayantumbero yabo yokwibaza guhonya indongozi zu Burundi urumvakonawe urimwo.
    Wibuke abobahemu imbere yamatora duherukamwo birirwa baranaga ngo abategetsi biburundi ngobariko bataha urwaruka/Imbonerakure ibirwanisho ngwinkoho imipanga nibindi ngovyokwica abarundi bidatevye mwarabonye ukuntu abajejwe umutekano bu Burundi ukundu bayoraguye amagrenadi asumvya ubwishi inkono zibumbwa mu Burundi, inkoho zafatiwe muburundi zigasumvya ubwishi imigandayinkwi abarundi bacaba mukwezikwose, ubwicanyi bavuga ngw’Imbonerakure ngozigomba gukora bucabobonekana kubirirwa bazagiriza ngozitegurira kuzokwica bene Burundi, mwarobonye a birirwa baririmba ngw’Imbonerakure ziteguye gukwega akarambaraye ukundu aribo bakweze akarambaraye muhushigikira abakora kudeta nokushigikira abicabandu muburyobutandukanye harimwo nokubaturira, sinokwibagira ukuntubaririmba bavugango reta yarazitse abantu mubinogo rusangi noneho baza gusanga ivyobinogo rusangi vyatawemwo abobantu ahobaribarifatiye mugihe cimigumuko.
    Barundi barundikazi namwe ncuti zuburundi jewe ndunganiye uyunyenicubahiro umushikiranganji ngaha muburundi tuzopfuma nduhonwa nabashaka guhonya abarundi ariko twebwe ntituzohonyana gusa uwuzoza arabonekana kwashaka guhonya benewabo abarundi azoza arashengezwa.

  • Jewe har’ibintu bintangaza. Mbe abo banyarwanda basigaye bitanganiza gukokeza iryo honyabwoko ni nde yabararitse ngo bivange muvy’igihugu ca Mwezi Gisabo? Muraribwaribwa muraribwaribwa, ariko iyo ngwara yanyu izobahitana. Mbe mwebwe nta kindi mushobora kuvuga mutavuze ivy’ihonyabwoko? Mwaragwaye mu mitwe kweli!!!

  • Uyumudamu jewe ndamushigikiye kuko ntahonyabwoko rishoboka muburundi ,ntimumuterakagere kukoyase ivyobamwe mwagize iturufu kandi itakirya. Nabandibose bafise ivyiyumviro nkivyo mumigwi itandukanye ndemeranya nabo, nabovyipfuza ntavyobazoshikako kuko abarundi dushakamahoro kandi nitwabona harakamaro adufitiye tuzoyaharanira munzira zishoboka kuko niyo yubaka .akahise gategura kazoza ryarabaye kera ribakamizwe ningoma!! Nagirambwire Roza kwabarira atariwewenyene nukumwewese arira ukwiwe,dutegure kazozagusa amagambo adafashe ave mumitwe yabantu tujimbere.Abarundibose mukomere numushikirizamanza warepuburika aterimbere nkumuzinga mukazikiwe agakore nkuwakigiye ntiyite kubivugwa habeho uburundi nindongozi zabwo kuva hejuru gushitsa hasi numwewese mumwanyawiwe.

  • Urwnda"niwivuge,ihonyabwoko.Ryaraguhaye,muburund,i,"apana

  • Komera Kanyana, urabe kure ureke izo nzavyi zitagira amaso,

  • Mbega Yemwe Urwanda Ruturondera Kwiki ? Uko Nyene N’ukuribwa Ribwa ? Niba Rukarishe .

  • Benshi bibaza igituma abanyarwanda batwipfuriza ihonyabwoko nuko ari agasembwa kabi bikoreye.Aho abarundi bazwi ko ibibazo vyabo bavyicarira bakabignira bakabitorera umuti, abanyarwandabo barabihagurukira, nawe uraziko abahagaze ari uguterana igipfunsi. isi nzima yabahariye ivomo kubera ihonyabwoko, bashaka rero uwo basangira iryo vomo ribi.

  • Hari Abarundi mbona kuri uru rubuga mushavujwe cane n’uko umugambi wanyu wa genocide utakunze.Mwari mwiteze gusomeza amaraso ya bene wanyu none muriko murarumanga. Arico gituma ishavu riniga, mwirirwa mukwira isi yose kurondera abazungu bobafasha ico gikorwa.Kuko murazi ko mutabishize mu ngiro abazungu mukorana muzoba mubahemukiye kandi ata kanoti bazosubira kubaha.Sha muri mu rucuruzwa rubi kweri.

    Ni agatangaza kubona abantu bitwa abantu ico barota ari ukubona amaraso ya bene wabo asesetse. Mwaremwe muri matiere iyihe koko???

    Nimba hakurya ya Kanyaru genocide barayikamishije bikwiye, mu Burundi, Abarundi bama babiyama ko atahonyabwoko muzosubira kuhakorera, ariko ntimwumva.Ntihazobura abiyahura kuko genocide itabaye.

  • None mwebwe mutaryohewe nivyo avuze iryo honyabwoko murarigomba? Muraza murikore none. Hama murabeko ritamara abavukanyi banyu icindi cinshavuje naho abantu baciyumvamo ko umututsi harico arico cg umuhutu arico ariko, twese turi abantu bipfa bameze cimwe babora murashavuje pe, nkurunziza na cnnd ivyo bakora nivyiza kurusha ivyahandi mu bihugu bibanyi bibahenda muzabaze ingene iyo uri opposite Baca bagukurikira bakakwicira iyo wabahungiye mugihe nkurunziza na cnnd babihoza, bagapfunga uwo bafatanye inkoho canke wishe a banyagihugu. Murasoma abaraswa na police murico gihugu cibanyi cibahenda badafise icirwanisho, nyuma ngo bashaka kurwanya police canke Bari bayicitse nkaho inkoho zabo zitarasa amaguru y ucitse aho kubwira murebe ivyiwanyu ivyiburundi mubyihorere.

  • Banyarwanda nta numwe kwisi atari Hither muzigera musangira ishano ribi mwakoze. Murarondera hasi hejuru ko genocide iba i Burundi nkuko mwayikoze iwanyu ariko ntavyo muzoshobora. Mureke rero Abarundi batekane. Mugumane iryo shano iwanyu. Mwarambaye ibara , ntawe muzigera murisangira.Ntahonyabwoko rizoba mu Burundi kandi ntaryo twipfuza.
    Mwahaye indaro abo mwibaza ko bazobafasha gukora iryo shano, muzomaramara cane. Bagumye i wanyu mubagaburire kuko nana none qui se ressemble s’assemble. Ahubwo hamagara n’abandi Barundi bose musangiye uwo mugera baze babe iwanyu.
    Barundi mwihoze Urwanda, kuko ntakindi bashoboye, nta kamaro ko guta amajambo.

  • uragatoboka.Akogasundi.Bazaherakuriwewe.Ndagucubwobubere.Nakogashino.Wambwakaziwe

  • Uwo mugore yahivye icoyimena! ngo ntahonyabwoko ririho ? sha urabaje, mbega izimbonerakure zirirwa ziragirishwa imyimenyerezo yi gisoda, siyirikirategurwa kuzomara abatutsi nabahutu bamwebamwe batemeye kubashigikira mububisha bwanyu?, noneho ryaratanguye kera ihonyabwoko, kumbe nturongowe nabanyamahanga bibisizimwe! nimbutabona abantu bariko baratikira.

  • Yewe ministre Laurentine; none izo mbonerakure zintagondwa zabahutu aho ziri ziri kwitoza kuvyina canke? Uti ntahonyabwoko muburundi none ayo magana amaze gupfa yazize iyikirago? None 90% yabo bagandugiwe who are them ? Hewe nahimana kweli

  • Ntamoko Kukonimana Yaturemye Atamoko Yaremye Turabavukanyi Twese

  • @SENGIYUMVA TOTI
    [...siyirikirategurwa kuzomara abatutsi nabahutu bamwebamwe batemeye kubashigikira mububisha bwanyu ?]

    Ariko uri igito wa muntu!
    None hishwe abahutu n’abatutsi uca uvuga ngo hahonye ubwko ubuhe bw’i Burundi?
    Ntimuvuga murahoha! Muvuga ibisunitwe n’impemu!
    Ihonyabwoko rihonya ubwoko; hanyuma uwica akajaniranya adatoye ubwoko ntaba akoze ihonyabwoko, aba abaye umwicanyi! Erega ubwicanyi nibubi!
    Mwebwe rero uwishe adatora ntaco bibatwaye! Muri ibito ndababwiye!

  • @Kahzan Ndizeye
    Genda uri igito ndakubwiye!
    Urumva ingene uvuga ayamuhe?
    Umutima wawe warabungishijwe n’umugera w’amacakubiri!

  • Twagira dusabe abantu bose bashikiriza ivyiyumviro kobokwigenga ubuntu bakareka gutukana kuko uwo atari umuco w’abarundi.Hanyuma ikizokiza uburundi nuko twebwe nyene abarundi tuba abantu,ntitumere nk’ibikoko.Hari ikintu casesereje uburundi n’abazodukomokako bakazokizira: ikinyoma. Ikinyoma niyoknwezi yamabi yose ducamwo.Igihe ukuri kuzoganza abarundi,tuzokwiruhutsa.Dusenge Imana itube hafi gusa.Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.