IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nta murundi n’umwe aricwa n’inzara"

"Nta murundi n’umwe aricwa n’inzara"

lundi 6 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaruguruye icese kuri uwuwa gatanu umwonga wa Nyavyamo mu ntara ya Kirundo, umwonga watunganijwe kijambere ku mfashanyo y’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD).

Muri ivyo bikorwa, nk’uko tubikesha VOA, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ugushikiriza uwo mwonga wa Nyavyamo wubatswe kijambere bishitse mu gihe igihugu kiri mu bihe bidasanzwe, akavuga nk’ikibazo c’ubukene bw’imfungurwa, biturutse ku kirere kitagenze neza.

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA avuga ko mu Burundi bikigendeka kuko gushika ubu ata murundi n’umwe aricwa n’inzara, agereranije n’ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bisinzikaye. Yabwiye Abarundi ko bari bakwiye gushima imana gusumba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.