Accueil > Amakuru > u Burundi > "Nta murundi n’umwe aricwa n’inzara"
"Nta murundi n’umwe aricwa n’inzara"
lundi 6 Ntwarante 2017, par
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaruguruye icese kuri uwuwa gatanu umwonga wa Nyavyamo mu ntara ya Kirundo, umwonga watunganijwe kijambere ku mfashanyo y’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere (BAD).

Muri ivyo bikorwa, nk’uko tubikesha VOA, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ugushikiriza uwo mwonga wa Nyavyamo wubatswe kijambere bishitse mu gihe igihugu kiri mu bihe bidasanzwe, akavuga nk’ikibazo c’ubukene bw’imfungurwa, biturutse ku kirere kitagenze neza.

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA avuga ko mu Burundi bikigendeka kuko gushika ubu ata murundi n’umwe aricwa n’inzara, agereranije n’ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bisinzikaye. Yabwiye Abarundi ko bari bakwiye gushima imana gusumba.
IGIHE
Messages
6 Ntwarante 2017, 18:43, par Mututsi Mwiza
Inzara irabamaze, abenshi bayihungiye muri Tanzanie no mu Rwanda,imisore yirirwa mumabarabara ntibarima,genda DD wazanye akabi kabishe
6 Ntwarante 2017, 20:07, par Hicuburundi
Peter Nkurunziza arabesha,mu Kirundo hamaze kwitaba Imana abantu 10 bazize inzara,abandi bararemvye
6 Ntwarante 2017, 20:07, par Hicuburundi
Peter Nkurunziza arabesha,mu Kirundo hamaze kwitaba Imana abantu 10 bazize inzara,abandi bararemvye
7 Ntwarante 2017, 11:40, par gogi
CONJUGUONS NOS EFFORTS,APPUIYONS LE SECTEUR AGRICOLE PAR DES INFRASTRUCTURES RURALES EFFICACE ET PERFORMANTES. DIRE QUE AUCUN BURUNDAIS N’EST ENCORE PAS PARTI A CAUSE DE LA FAMINE C’EST PLUTOT SE BERCER D’ILLUSION CAR A EN CROIRE AUX MEDIAS, IL Y’EN A QUI SONT DEJA MORTS A CAUSE DE LA FAMINE. Cf LE CAS DE GIHANGA A BUBANZA.
8 Ntwarante 2017, 01:55, par Paul Ndikumagenge
Umukur Wigihugu Nawe Aratwenza Gose Nuko Abanyagihugu Bataramusanga Kukirimba Bahinduye Isura Mumaso Kubera Inzara Ahubwo Turapfa Budakuka Jewe Mbonako Umuhero Wisi Waje Mu Kirundo.Ahubwo Nibaduh Uruhusha Twigire I Tanza Kuko Tarahez.
8 Ntwarante 2017, 08:29, par HABURANIMANA GERARD
Iyo abonye arya ibindi akajugunya nabe ahora . Za Bubanza ,kirundo,cankuzo,... hamaze gupfa abangana iki konzi ari benshi !!!
Arko birumvika kko niwe ubituma
8 Ntwarante 2017, 12:00, par Prosper
Bamwe Bibubanza Kwarukwisinziriza?
8 Ntwarante 2017, 12:08, par Gateka
Sha Mushatse mwokwitonda kuko Gutwara abarundi n,ukwambara ibara:
abarundi n,intashima
abarundi ntibakunda gukora n,ibinebwe
Bakunda Drogue can,,,,,,,
vahasi mukore ntivyizana biraronderwa,
presida ntazoza iwanyu ngo akubaze ico uzakurya,,
8 Ntwarante 2017, 17:36, par Tembantereke
@Mututsi Mwiza
"...genda DD wazanye akabi kabishe"
Ego sha! Turazi imbere ya DD ingene hari akeza karoshe! K’uguhonya abenegihugu (1 million d’âmes)
9 Ntwarante 2017, 00:35, par enock
harakabaho dd.ahuko bigenda mugihugu canke na kera ukaronka naho uca duhunga ibinywamaraso vya buyoya abarundi bibagira ningoga irambire mutama nkurunziza ntakabi nawe ndi hamwe yuburundi ariko vyopfuma si nkakera mukomere
10 Ntwarante 2017, 12:04, par Harerimana
Nivyiza Iryo Niterambere Ry’intara Yacu.