Accueil > Amakuru > u Burundi > OBR yatoje imiriyaridi 51.28 mu kwezi kwa kane
OBR yatoje imiriyaridi 51.28 mu kwezi kwa kane
mardi 9 Rusama 2017, par
Mw’itangazo OBR yasohoye, bavuga ko kuva mu ntango z’umwaka w’2017, ni ukuvuga kuva mu kwezi kwa mbere gushika mukwa kane, amafaranga agera ku miriyaridi 229.63 niyo amaze gutozwa mu matagisi n’amakori, aho akaba ari mu gihe bari biteze muri amezi ane kuba binjije imiriyaridi 230. 28 z’amarundi.
Mu kigo OBR bashikiriza ariko habaye iterambere, kuko ayo mafaranga yatojwe mu mezi ane ya mbere y’umwaka w’2017 ari hejuru y’ayari yatojwe muri ico kiringo nyene, mu mwaka w’2016, ayo nayo akaba agera ku miriyaridi 200.52 z’amarundi
NDUWIMANA