IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Ibiganiro vy’i Arusha vyotuma ubukene buhera

OLUCOME : Ibiganiro vy’i Arusha vyotuma ubukene buhera

mardi 17 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME abishikiriza mu gihe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 17 Gitugutu isi yose ihimbaza umusi wahariwe kurwanya ubukene.

Kubwa Gabriel RUFYIRI, ubukene bwugarije igihugu buva ku bukunzi bw’inda n’ukwigungirako vy’akagwi k’abarundi badashaka ko ibiganiro vya Arusha vyohera, kugira ubutunzi bw’igihugu busangirwe na bene Burundi bose ata wandya wangura.

Gabriel RUFYIRI avuga ati : «Kwanka ibiganiro ni kimenyetso c’ubukunzi bw’inda. Kuva muri kahise ivyo kwigungirako amatunga y’igihugu vyamyeho. Hari hageze ko bihinduka hagashigwa imbere intumbero ziteza imbere igihugu»

JPEG - 46.9 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Uwo arongoye ishirahamwe OLUCOME arongera akamenyesha ko indyane zatanguye mu 2015 zatumye Uburundi buja ku rugero rw’ubutunzi (PIB) ruri munsi y’ubusa.

Uwo musi mukuru wo kugwanya ubukene ukaba watangujwe mu mwaka wa 1987 n’umupatiri yitwa "Père Joseph Wresinski" akomoka mu gihugu ca Pologne, mu ntumbero y’uko abakene bibukwa kw’isi yose.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Mushingantahe Rufyikiri,Ikibazo c’u Burundi ni Peter ntimuronderere kure,DD yoyo ntakigenda igendera ku mategeko ya Peter, rero izi ngorane zose turimwo niwe ntawundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.