Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME n’ayandi mashirahamwe basaba umuhuza gutunganya ibiganiro (...)
OLUCOME n’ayandi mashirahamwe basaba umuhuza gutunganya ibiganiro vyihuta
mardi 3 Nzero 2017
Amashirahamwe OLUCOME, MCA Burundi,OTRAG n’urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye basaba umuhuza mu biganiro Benjamin Mkapa gutunganya ibiganiro mu maguru masha mu ntumbero yo gufasha abarundi kuva mu ngorane z’ubukene zibugarije.
Mw’ikete ryateweko umukono na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME, ayo mashirahamwe asaba umuhuza Benjamin Mkapa gutunganya ibiganiro bibera hanze y’igihugu kandi vyitabwe na bose.
Muri iryo kete, ayo mashirahamwe amenyesha ko mu gihe abarundi bose batotumirwa muri ivyo biganiro, vyotuma ata nyishu zirama ziboneka zotuma amabi avuye ku ndyane za politike ziri mu gihugu ahagarara.
Ayo mashirahamwe asaba yaba uruhande rwa Reta cane rw’abatavuga rumwe nayo kwitaba ibiganiro bibera hanze kandi vyitabwe na bose, kuko kwiyumvira ko uruhande rwa Reta cane rw’abatavuga rumwe nayo arirwo ruri mu kuri ari ukwibesha.
OLUCOME, MCA Burundi, OTRAG ari kumwe n’urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye, agasaba kandi umuhuza ko ibibazo vy’ubutunzi n’intwaro arivyo vyoja imbere mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu no kubusangiza abarundi bose.
IGIHE
Messages
3 Nzero 2017, 13:42, par kabita
wavuga Niko batumva baramaze kumera nkirwe yibonyeko amaraso
3 Nzero 2017, 22:22, par UMWAMI
Guma hiyo mubazungu mutekereze mpaka musaze muve kwisi,kuko ntaco mumariye igihugu cabavyaye,nayo ubuzima buzinvye kubadafashwa na bo bazungu mwishimako.twebwe tuzorya ivyo twimbuye mwisi yacu,turime ,tworore,twimbe inzahabu zacu,icayi.ikawa,numwumbati nigitoke ushizeko ibiharage,nikigazi,bizodutunga,uwo tutazihanganira nuwo wese agomba kutuzanamwo amasasu na mabombe,nimije kugasozi mwiyahure,mukaranduka,murabina ubwo buyobe ngo ni rupfiri.
5 Nzero 2017, 02:07, par Nowera Nimbona
Mushingatahe wavuga uko ubwira intumva,Mukapa nawe twebwe abanyagihugu ntawe tugikeneye koyohagararira ibiganiro vya banyeproteke, oya yaramaze kwerekana yuko yariye igiturire cokwica abarundi, Niharonderwe uwundi yozavuga ukuri, atashira inda imbere.