Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018, OLUCOME rimenyeshako ivyo bikorwa vyakozwe bihonyanga ibwirizwa nshingiro kuko ingingo ya 69 ivuga ko amatungo ya Reta ategerezwa kwubahirizwa kandi agakingirwa.
Muri ryo tangazo, Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME avuga ko mu gihe iryo tegeko ritubahirijwe canke hakaba kudandaza amatungo ya Reta ,igiturire,kunyuruza amatungo canke igikorwa cose kiza conona ayo matungo vyategerezwa guhanwa n’itegeko ribijejwe.
OLUCOME irangiza itera akamo Reta guhindura ingendo kugira yisunge itegeko rikingira amatungo ya Reta n’uburyo bwayo,imigambwe nayo iterwa akamo n’iryo shirahamwe guheba gukoresha imiduga ya Reta n’ubundi buryo bwayo mu bikorwa vyo kwiyamamaza hamwe no guheba gutwara abanywanyi babo mu miduga itagenewe kwunguruza abantu.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Indirimbo y’amateka ya CNDD FDD yahawe agashimwe
8.11.2018 |
![]() Mairie –Gisyo :Umuntu yakomerekejwe n’imvubu
21.09.2018 |
![]() Mairie-Mutakura: Abasuma 3 bapfuye barashwe
6.08.2018 |
![]() |
![]() |
SOMA IZINDI NKURU MURI "u Burundi"... |
vuga nturuhe mutama,harubwo bazohava bakwumvira....ntakidakunda haraho bokwumvira tugatora akoyoko
Wewe Rifyiri azovuga utebe uruha.Abo ubarira baragutwenga gusa.Nibabona uri ikibazo bazokumesura canke bakugandagure...
@Karire FIONA:
Mbega umunyapolitike niwe afise ijambo mugihugu wenyene? Iki n’igihugu c’abarundi bose. Kubwiyo mpamvu, buri murundi wese afise uburenganzira bwo kuvuga no kwiyama imyifato mibi yifatwa n’abo twahaye akazi ( abanyepolitike). N’abakozi babanyagihugu. ukudatahura ivyo nivyo bituma muvuga ibintu bigondamye nkuko
Mbega Rufyiri n’umu nyepolitique cank? Araturuhisha!!!!
usaga atavyo baribazi
haaa!Biragoye!!