IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imigambwe n’abigenga basabwa kwitegurira kwemera ibizova mu matora (...)

Imigambwe n’abigenga basabwa kwitegurira kwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa nshingiro

vendredi 27 avril 2018

Mw’itangazo Inama y’igihugu ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH yashize ahabona kur’uno wa gatanu, igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018, imenyesha ko itora ryo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rifise intumbero yo kujanisha n’ibihe ibwirinzwa nshingiro, kandi ryisunga amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi na cane cane amasezerano ya Arusha.

Muri iryo tangazo, inama ONPGH yibutsa abarongoye imigambwe hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ko indwano atari ico yica, ata na kimwe ikiza, kandi ko atcosigura ko muri iki gihe hari umurundi yofata ikirwanisho ngo atere igihugu, kuko inzira yonyene yo gushikira ubutegetsi canke kubugumako ari amatora.

Inama y’igihugu ijejwe gukinga no kurandurana n’imizi ihonyabwoko, ivyaha biturutse ku ntambara n’ibindi vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu ONPGH, iragabisha ariko abanyeporitike bamwebamwe basavye ubuhungiro mu bihugu vy’akarere canke mu bihugu vya Buraya, ivuga ko bariko bakoresha imvugo yo kugumura abandi, kubiba amacakubiri canke kugarariza, muri iki gihe himirije amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Umukuru w’iyo nama ONPGH, Jean de Dieu MUTABAZI, avuga ko inama arngoye iriko ibikurikiranira hafi, kandi n’ivyegeranyo biriko birakorwa kugira abo banyeporitike igihe nicagera bazoshengezwe.

Inama ONPGH irangiza yipfuriza imigambwe n’abigenga buca bahiganwa mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kwamamaza ico bipfuza ko cotsinda hagati ya Ego na Oya, mu mahoro n’umutekano, cane cane bakitegurira kwemera ibizova mu matora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, kuko arico abarundi bazoba bashatse kandi ari naho intahe izoba yashize.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Uwo wewe bari bamunyegeje hehe ? Abonye habavye y’uko Abarundi isinzi buca biyamiriza amarementanya ngo ajejwe gukinga ihonyabwoko ibiziga vyirirwa bitoragurwa mu ma kartier, ku nzuzi n’ahandi ngo none babikurikiranira hafi. Arahumba nta numwe azomukwirikira.

  • nukuri igenekereza rya17rusama umurundi wese yozinduka kare gutora idyo bwiriwa shingiro,kuk n Inkingi y igihugu cacu,kand intambara nimbi ntihabe umuntu yoba acipfuza intambara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.