ONU: Umurwi w’amatohoza ku Burundi umenyesha ko agateka ka zina muntu kabandanya gusinzikazwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 Myandagaro 2017 saa 04:37
Yasomwe : 12708
0 0

Umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi umenyesha ko ata karusho kabaye mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ruheshi.

Umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ukora amatohoza ku Burundi Fatsah Ouguergouz,amenyesha ko bafatiye ku ntahe 470 zashikirijwe n’abarundi bari mu gihugu canke bari hanze,isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini ribandanya.

Fatsah Ouguergouz yabwiye ikinyamakuru c’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ko kuva mu kwezi kwa Ruheshi igihe umurwi arongoye washikiriza icegeranyo imbere y’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu,ata kintu na kimwe cerekana ko habaye akarusho mu Burundi,kuko ata mwidegemvyo wabonetse mu bice bimwe bimwe.

Fatsah Ouguergouz avuga ko ivyo abishikiriza yisunze ko ivyegeranyo vyerekana ko habaye ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu, nk’ubwicanyi ndengerabutungane,uguhohotera,ugupfunga abantu hadakurikijwe amategeko,kunyuruza abantu,n’ihohoterwa rishingiye ku gitsina.

Umukuru w’umurwi w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi amenyesha ko naho ivyo vyegeranyo vyakozwe bisunze abantu bababa amajana atanu babajijwe,batakoranye na Reta kuko umurwi utari wemerewe gukorera ku butaka bw’Uburundi.

Bitegekanijwe ko ivyavuye mu matohoza y’umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi,bizoshikirizwa mu murwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, mu nama izobera i Geneve mu kwezi kwa Nyakanga.


Kumenyekanisha

1
abbas 24-08-2017 à 11:09

Iyo mirwi turayimenyereye ntaciza yovuga

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha