Accueil > Amakuru > u Burundi > OTB yahimbaje isabukuru y’imyaka 50
OTB yahimbaje isabukuru y’imyaka 50
vendredi 23 Ruheshi 2017, par

Uwari yaserukiye Reta y’Uburundi, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yarashimiye abayobozi b’ihinguriro OTB ku bukerebutsi bakora, ari navyo bituma icayi c’Uburundi kironka isoko mu makungu, n’ubuzi bukaboneka mu Burundi.
Gaston SINDIMWO yibukije ko icayi c’Uburundi kiri mu bikomeza ubutunzi, kuko kizanira igihugu amafaranga y’agaciro. Icegera c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi izobandanya gushikira ibikorwa hamwe n’imigambi vy’ihinguriro OTB.
Mw’ihimbazwa ry’iyo sabukuru y’imyaka 50, abarimyi b’icayi barushije abandi barahawe udushimwe tugizwe n’ibahasha y’amafaranga, hamwe n’umufuko w’ifumbire ya kijambere.
Ihinguriro ry’icayi OTB ryatanguye gukora mu mwaka mu mwaka w’1967.

Egide NDUWIMANA