IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM: Inzara yokora igata ivurwa mu banyagihugu barenga imiriyoni

PAM: Inzara yokora igata ivurwa mu banyagihugu barenga imiriyoni

vendredi 20 Nzero 2017

Imvura imaze imisi irwa mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi isa n’iyije gusongera isibe mu gihe inzara yokora inzara igata ivurwa mu bice bitandukanye vy’igihugu nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe PAM.

Imvura ivanze umuyaga mwishi n’urubura niyo imaze imisi irwa iyo nayo ikaba imaze kwonona ibitari bike, aho imirima itandukanye imaze kwononekara, amazu n’amashure bikaba bimaze gusambuka mu ntara zitandukanye. Abanyagihugu ahabo ndetse n’abajejwe intwaro bakaba batakamba basaba gufashwa.

Kubwa Nicole Jacquet icegera c’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imfungurwa PAM mu Burundi, aremeza ko abanyagihugu bagera ku miriyoni zirenga zibiri bakeneye imfungurwa vyihuta, bivanye n’uruzuba rwatse.

Nicole Jacquet abandanya avuga ko abantu bagera ku bihumbi majana umunani bashobora kuzofashwa n’iryo shirahamwe babifashijwemwo n’abo bafashanya mu kugarukira ku bakeneye imfungurwa vyihuta. Amenyesha ko imfashanyo igizwe n’imfungurwa n’imbuto arivyo bikwiye gushikirizwa abanyagihugu mu maguru masha.

Mukamenya amashirahamwe afasha uburundi yemeza ko abageramiwe na kigoyi bashobora kwiyongera bivanye n’ukudashobora gushikira abakeneye imfungurwa eka mbere abatishoboye nabo bagaca biyongera. Reta y’Uburundi imenyesha ko iyo nzara iva ahanini ku ruzuba, umuyaga n’ibindi n’ibindi biza bitandukanye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.