IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PAM yatanguye kwinjiza mu Burundi ivyimburwa vyaguriwe mu Rwanda

PAM yatanguye kwinjiza mu Burundi ivyimburwa vyaguriwe mu Rwanda

mardi 18 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imfungurwa (Programme Alimentaire Mondial) ryatangaje ko kuva kuri uwu wa kabiri ritangura kwinjiza mu Burundi ibigori n’ibiharage vyaguzwe mu Rwanda, kugira rigarukire ku banyagihugu bo mu Burundi bahuye n’ikibazo c’inzara.

Mw’ishirahamwe PAM bavuga ko batangura kujana mu Burundi itoni 508 z’ibiharage, mu nyuma bajane ibigori, ivyo vyose bikaba bikozwe kubera ikibazo Uburundi bwagize bw’ukutaronka umwimbu ukwiye mw’irima riheruka.

Umuyobozi wa PAM mu Rwanda, Jean-Pierre Demargerie, yaheruka kwandikira umushikiranganji w’Urwanda ajejwe uburimyi, amusaba uruhusha rw’ukutwara mu Burundi ivyo biribwa. Urwo ruhusha yararuhawe, n’imiduga yunguruza ivyo biribwa ikaba iza gutangura kuva i Kigali kuri uwu wa kabiri.

Imigenderanire n’ububanyi vy’Uburundi n’Urwanda ntivyifashe neza, n’uguhanahana ibiribwa n’ivyimburwa hagati y’ivyo bihugu vyompi bikaba bitifashe neza, aho ivyo bihugu bisa n’ibitorohereza uruja n’uruza rw’ibidandazwa vy’injira n’ibisohoka.


IGIHE

Messages

  • Agakoko kariye ibitegwa i Burundi kageze mu rwanda.
    kwinjiza mu Burundi ivyimburwa vyaguriwe mu Rwanda bizatuma kagaruka. ahubwo PAM yarikiwiye gutanga amafaranga nkuko ibigira mu Rwanda.

  • Burya uzoze ukora neza wihitire! Iminsi itanguye kutwereka ko kugirira nabi umuturanyi ataco bimaze kuko amaherezo uramukenera, mu buryo ubu canke buriya!

  • Nahereye kera mbwira aba DD ko u Rwanda ruturusha vyose, bageze naho baduha ibipfungurwa, ndakengurukiye u Rwanda,murakoze

  • Nkivyobiharage PAM yaguzemurwanda ninihori, nkikiro kinigori PAM yakiguze $5 mazerero ugasanga nkumurundi babihaye agaca abishira umunyarwanda akabimugurira kukiro amahera yamanyarwanda 500 ayonayo ninka $ 0.40
    Ucubona ahejeje kubikugurira $0.40 acabigurisha PAM $5
    Erega ntimugire nurwanda ruzobarufashije uburundi ni PAM ishirahamwe mpuzamakungu ryashimye kubigura murwanda kandi mwibuke ko nurwanda ruriko rurafashwa na PAM nkuko nuburundi buriko burafashwa, ikibabaje nuko akarwi gato kabanyarwanda kirwijeko ubutunzi ariko abanyarwanda beshi inzara ikaba iriko irabica basabiriza kandibintu biriko biragurwa namashirahamwe mouzamakungu nka PAM, iconicocerekana ko ubutunzi bwigihugu kwigungiweko nakarwi muyandimajambo ntibusaranganyije, kuko ntakuntu abenegihugu borinda gufashwa kugirabafungure kandi amasitoke yuzuye amashirahamwe akomakomeye azakugura ivyo ajagufashisha mubindi bihugu.

  • Ahubwo Izondya Nukuzicisha Muvyuma Bibigenewe Kuko Kugezubu Ntawokwize Ibivuye Murwanda Kandi Uwuzubwenge Wese Yokwibaza.

  • Wakagabo wi yita Sisonga, genda hariya ugomba babahereze amahera muze kuyagura ibirwanisho vyoguha imbonerakure!?,ni batange izomfungurwa nivyo bishimishije, PAM, ndayishigikiye cane kuciyumviro ciza cokugufasha benewacu bahano mu Burundi bahangayitse nicago cinzara.

  • Ikibabaje Nuko Ababigenewe Ataribobabihabwa!! Nibazakuruzuba Rutakiye Umwegusa, Muntara Yaruyigi, Haribitagendaneza Kubijanye Ninfashanyo, Kuko Bimwe Bicishwakuwepfo, Bigatuma Abenegihugu, Badakwigwa,

  • Hahah mwemere mwa barundi mwe tubatunge ntakintu mufise, naho kwirirwa muvuga Rwanda ntacyo bizobamarira muze tubigishe mutere imbere muve mukwicana .

  • Ivyo kwa Kagame murarya ntimumpe. Murahona ko mwananiniwe no kwiyumvira politique de nourriture no kuziganya umwimbu! Izuba ryatse ukwezi kumwe muca muha amaboko abatayakira.Aba DD ntaco mutazotuzanira.Inyuma yishano ry’umuceri w’Abashinwa haje intete zo kwa Kagame. Hahahahaha.

  • Wesha wubahuka ugakomeza izina ryanje (Hutsi) ukarikoresha wandika ibintu bisa nibivuye mukanwa kaboze bitevyawe?
    Ubonajewe nokubahuka nkavuga ngo ibintu vyaguzwe na PAM ko arimfashanyo urwanda ruhaye uburundi!? Ubwobujuju nkubwo ntibukamparurweko, uziko kubera ubwobujujubwanyu arinabwo bwatumye musimbira kubavukanyibanyu babarundi murahindagura murica ngonivyo bizofasha bashobuja kubashira kubutegetsi ngobizoborohere kubakoresha ukwobashaka kubera aribo barikuba babateretse kubutegetsi.
    Burundi tsindaa,
    Burundi hongora izonjavyiii,
    Burundi ziryezoseee,
    Burundi bemeze boseee,

  • KO BITANGUYE KUZA KUMBE AGAHENGWE KO BONEKA MURIBUKA KAUSI KWERI URUBURA GWISHE !

  • nimwakire ibifungurwa murye mureke guta ibitabapfu nokugira isoni zimfashanyo.reka kugira isoni muhe abanyagihugu barye barashonje,nibitaribyo tuzabafasha kandi twaranabafashije,naho uwo ajujuta ngo ibigori bizosubira mu Rwanda bonger babigure bisubire I Burundi kandi iyo ni politique yihe wamuswa we?iryo nipfunwe.icare murye/bazabitanga ibyo bigori za gisuru.kinyinya.nyabakara.giharo biheze bigaruke mu Rwanda!!!!!haaaaaa.stupid

  • Numwe yiba ubutegetsi mumisiza nukumuha ride yoguhunga kuko falcon yayiriye! Bakoze gutanga ibifungurwa!

  • Reka tubagaburire nta rwango u Rwanda rufise ku barundi ariko amaherezo muzabona ko mwibeshye cyane

  • @ Mob

    The country is just hungry, tuzabagaburira twongere tubagaburire kuko ntabwo baragira umuco wo gukora, kwigira no kwiha agaciro. in 2013, nigeze kuva Buja, nca mu buhonga, matana , Rutana ngarukana Karuzi, Gitega and Muyinga ariko ibyo nabonye ukuntu imisozi yamabaye ubusa ( nta tree planting program bagira for so many year. The result is what they are living now. u Burundi bwose burashonje.

  • Erega na cyera nakare iyo wagiraga ibibazo wajyaga ku muturanyi none mwe ngo ntimushaka ibivuye mu Rwanda ? Hanyuma se murashaka kwicwa ninzara? Ubutegetsi bubi weee.... Ngaho mubireke mubisubize mu Rwanda mbemere. Mugomba guturana neza kko turi abavandimwe ntitwabona Abarundi inzara ibamereye nabi ngo tubure kubagoboka kdi muri abavandimwe kandi twejeje. Mu minsi micye turabazanira ibirayi

  • politic.atacimaze yugwanda.yigaragaza ko igurushije ibifungurwa kuburundi yo ikize.hirya yejo EU.yatanze imfashanyo yogutabara kubihugu ibice bimwe vyatewe ninzara uburundi barabuhaye nugwanda .none raba reta yarahinze iranyegeza ishoreye amahanga NGO bironkere amadorare yokugura indege zakagame.abaturage bariko bapfa ninzara.nimuzane nibindi ubonyumugabo atanguye kugurisha utwabana boriye nkuduharage nagafu.uwomugabo mumutwe ntaba arimuzima.

  • politic.atacimaze yugwanda.yigaragaza ko igurushije ibifungurwa kuburundi yo ikize.hirya yejo EU.yatanze imfashanyo yogutabara kubihugu ibice bimwe vyatewe ninzara uburundi barabuhaye nugwanda .none raba reta yarahinze iranyegeza ishoreye amahanga NGO bironkere amadorare yokugura indege zakagame.abaturage bariko bapfa ninzara.nimuzane nibindi ubonyumugabo atanguye kugurisha utwabana boriye nkuduharage nagafu.uwomugabo mumutwe ntaba arimuzima.

  • Tubahe nibirayi wana
    Erega barundi turabakunda ntimwasonza tureba rwose tuzabagaburira ntakibazo
    Gusa mujye mwirinda amatiku nu rwango ubutegetsi bwanyu bubambwira

  • UMUNWA WO MUWURUSHA INKOTSA

  • Erega naho ari PAM itanga iyo mfashanyo, icangombwa nuko ibikura mu Rwanda kandi kuba ibikurayo nuko bihari kandi urahara rwa leta y’U Rwanda nuko yemeye ko PAM ibigurirayo.

  • Wowe wiyita bizimana Philibert uzaze kugiti cyanjye nkutunge urebeko ibyuvuga aramateshwa arishyari uzaze nkutunge nkuhe namata murwagasabo

  • Ntakintu nakimwe giciye mu Rwanda dukeneye, ntanzara dufise m’uburundi nibabigaburire urwagwanda nirwo rufise inzara. Please not in Burundi.

  • Abarundi muhira umunwa muremure basi. Muvuga menshi ariko gukora wapi. Muri aba francophile kabisa! Mukomeje gurtyo inzara izabarimbura

  • ndakukundacane uje ube mugori wanje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.