PARCEM : Abaporisi bakwiye kwigishwa itegeko rishasha rigenga akazi bajejwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 juillet 2017 saa 12:36
Yasomwe : 4716
0 0

Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM ryishinze kwigisha abarundi guhindura ingendo avuga ko ibiri mw’itegeko rishasha rigenga igiporisi vyigishijwe bigakwirikizwa, ko vyofasha kugira ivyo kwubahiriza agateka ka zina muntu bitere imbere.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umukuru wa PARCEM yamenyesheje ko mu gihe hamaze imisi hari ivy’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu, iryo tegeko ryigishijwe abaporisi ryogira akamaro. Muri PARCEM bavuga ko kubona hari abaharira ku vyegeranyo biba vyasohotse, bidatanga inyishu, muri iryo shirahamwe bakavuga ko itegeko rishasha rigenga igiporisi ryubahirijwe, ibirimwo bigashirwa mu ngiro, ko vyofasha kugira ivy’ugupfunga abantu hadakurikijwe amategeko bisezererwe.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko igihugu icarico cose kw’isi bagisuzumira uko igiporisi caco gikora, kuko mu kazi kaco ka misi yose, igiporisi gitegerezwa gukingira abanyagihugu, kigakorera ku mategeko akigenga yaba ayo mu gihugu canke amategeko mpuzamakungu igihugu kiba cateyeko igikumu.

JPEG - 46.9 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Kubwa PARCEM, bimwe mu bigize iryo tegeko rishasha bikwirikijwe vyofasha guteza imbere agateka ka zina muntu, aho Faustin NDIKUMANA akavuga nk’ingingo ya 312 ivuga ko igiporisi mu kazi kijejwe, kizira ko berekana ko bakorana n’umugambwe canke umugwi runaka. Mu bindi biri muri iryo tegeko, ni nk’ingingo y’312 nayo ikaba ibuza inzego z’igiporisi guhohotera agateka ka zina muntu, uwurenze iryo tegeko agahanwa hisunzwe amategeko.

Mu bijanye n’itohoza ry’ivyaha vyakozwe, bigakorwa n’inzego zibijejwe, hakaba itandukaniro ry’abajejwe igendereza bakagira aho bashitsa mu bikorwa vyabo hamwe n’aho igiporisi c’inyamiramabi gishitsa mu gutohoza y’ivyaha hamwe n’aho abaserukira ubutungane bashitsa.

Ikindi kiri muri ryo tegeko cofasha kugira agateka ka zina muntu gatere imbere, muri PARCEM bavuga ingingo ya 12 ivuga ko igiporisi gitegerezwa gukorera mu muco, ubusho bukagenderwa kugira abapfuzwe bashobore kuganira ku mugaragaro n’ababo. Ingingo ya 80 nayo y’iryo tegeko isaba ko igiporisi gitegerezwa gukora ibishoboka kugira abanyurujwe batorwe.

Muri PARCEM basaba ko iryo tegeko rishasha ryokwigishwa kugira abaporisi barimenye, rishobore kuba intango yo guhinduka ingendo.


Kumenyekanisha

1
000000 27-07-2017 à 14:21

raba iyo sanamu urabona ukuntu utagomba gufata ibintu vyabarundi mininebwe irateye kwibaza cane
https://www.youtube.com/watch?v=n61I6PXAAHs

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha