Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Amasezerano y’i Arusha yohabwa agaciro
PARCEM : Amasezerano y’i Arusha yohabwa agaciro
jeudi 13 Mukakaro 2017, par
Umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA amenyesha ko mu nama bagiraniye na Michel KAFANDO, bimwe muvyo bamushikirije harimwo kubwira abanyeporitike kureka gukoresha igikenye n’imvugo zicanishamwo, kubwira abanyeporitike guha agaciro amasezerano y’i Arusha kuko ariyo yemejwe n’abanyeporitike bose.
Umukuru wa PARCEM avuga ko bamusiguriye kandi n’ibijanye n’ibwirizwa nshingiro n’akamaro karyo ntasubirizwa, kuko rikomoka ku masezerano y’i Arusha, baramusigurira n’ibijanye n’umutekano n’icokorwa kugira umutekano uboneke mu Burundi.
Umukuru wa PARCEM amenyesha kandi ko baganiriye na Michel KAFANDO ibijanye n’ingene amatora yotunganywa, akaba amatora meza kugira ntihagire abahakana ivyavuyemwo.
Ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, Faustin NDIKUMANA amenyesha ko rishobora guhinyanyurwa, ariko ivyohinduka bikaba vyoza vyisunga ineza y’abarundi bose, mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi, kunywanisha abarundi hamwe no gutsimbataza ubumwe bw’abarundi, kuko arivyo mushinge w’amahoro, nk’uko bivugwa n’umukuru wa PARCEM, Faustin NDIKUMANA.
Vianney BIKORIMANA