Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM : Amasezerano y’i Arusha yohabwa agaciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > PARCEM : Amasezerano y’i Arusha yohabwa agaciro

PARCEM : Amasezerano y’i Arusha yohabwa agaciro

jeudi 13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA amenyesha ko mu nama bagiraniye na Michel KAFANDO, bimwe muvyo bamushikirije harimwo kubwira abanyeporitike kureka gukoresha igikenye n’imvugo zicanishamwo, kubwira abanyeporitike guha agaciro amasezerano y’i Arusha kuko ariyo yemejwe n’abanyeporitike bose.

Umukuru wa PARCEM avuga ko bamusiguriye kandi n’ibijanye n’ibwirizwa nshingiro n’akamaro karyo ntasubirizwa, kuko rikomoka ku masezerano y’i Arusha, baramusigurira n’ibijanye n’umutekano n’icokorwa kugira umutekano uboneke mu Burundi.

Umukuru wa PARCEM amenyesha kandi ko baganiriye na Michel KAFANDO ibijanye n’ingene amatora yotunganywa, akaba amatora meza kugira ntihagire abahakana ivyavuyemwo.

Ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, Faustin NDIKUMANA amenyesha ko rishobora guhinyanyurwa, ariko ivyohinduka bikaba vyoza vyisunga ineza y’abarundi bose, mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro rusangi, kunywanisha abarundi hamwe no gutsimbataza ubumwe bw’abarundi, kuko arivyo mushinge w’amahoro, nk’uko bivugwa n’umukuru wa PARCEM, Faustin NDIKUMANA.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.