Pascal NYABENDA arongoye umurwi waserukiye Uburundi mu Burusiya

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 11 Gitugutu 2017 saa 09:32
Yasomwe : 18900
0 0

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA afata urugendo kuri uwu wa gatatu rumushikana i Saint-Petersbourg mu gihugu c’Uburusiya, akaba yitavye ibikorwa vy’inama igira iya 137 y’urunani rw’amanama nshingamateka izotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 gushika kurya 18 Gitugutu 2017.

Nk’uko bishikirizwa na Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi, muri iyo nama bazorabira hamwe ibijanye n’ugukomeza amahoro biciye mu biganiro bihuza abo mu madini atandukanye hamwe n’abadasangiye ubwoko.

Abazoba bari muri iyo nama bazovugana kandi ku bibazo bijanye na demokarasi hamwe n’agateka ka zina muntu.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka, ari kumwe n’umurwi w’abashingamateka bagendanye, bazoboneraho akaryo ko gushikiriza abandi bategetsi bitavye iyo nama, uko amahoro, umutekano hamwe n’umubano vyifashe mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
Karikurubu 11-10-2017 à 10:56

Hhahaha ngo Pascal azoshikiriza abo bazuhirira muriyo nama uko amahoro n’umutekano vyifashe ngaha mu Burundi?ahubwo Pascal azoce aca i la Haye yisigure muri CPI

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha