Accueil > Amakuru > u Burundi > Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yaheruka kunyuruzwa yitavye Imana
Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yaheruka kunyuruzwa yitavye Imana
jeudi 11 Rusama 2017, par
Uwo musaseredoti wa Ekereziya Gaturika yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rishira uwa kane, akaba yahitanwe n’ingwara, nk’uko muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura babishikirije.
- Patiri Adolphe NTAHONDEREYE
Ari kumwe n’abo banyururijwe hamwe, Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yashikanwe ku rubibe rw’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nayo iminsi yose 17 bamaze mu minwe y’ababanyuruje bakaba bayimaze baboshe ibitambara mu maso. Yashitse kandi avyimvye amaguru kubera urugendo rurerure yafashe n’amaguru masa, kuko bari bamutwaye ibirato yafashwe yambaye.
- Uwo Musaseredoti yashitse avyimvye amaguru, kubera urugendo rurerure yafashe atambaye ibirato
Yari yafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba.
Muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bakiranye umubabaro ntangere urwo rupfu rwa Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yitavye Imana ahitanywe n’indwara.
Mu butumwa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasohoye, bagize bati : "Imana imwakire mu bwami bwayo. Turahojeje abasaserdoti ba Diyoseze nkuru ya Bujumbura, umuryango wiwe, incuti n’abagenzi. Imana imuhoze ububabare yahoramwo, imwambike urugori, imutera iteka yemereye abahevye ubuzima bwabo ku bwayo mu kwama bahereza Inkuka Nyeranda. Niwiruhukire mu mahoro!"
- Patiri Adolphe NTAHONDEREYE (hagati) ari kumwe n’abafurera basangiye ubutumwa (Hari ku munsi arekurwa n’abari bamunyuruje)
Messages
11 Rusama 2017, 11:39, par Mediator
DD iramuhitanye, Imana imwakire
11 Rusama 2017, 13:07, par baryumeko
niyiruhukire uyo apfuye nkurupfu ndayihurume yapfuye birababaje kuva mumaboko yabamunyuruje ashitse mubiwabo ataramara namezi abiri akagwara ingwara imyica nagende ivyo azize imana irabizi kandi ntizoceceka ndabarahiye ruhuka ntakabi wariko.
11 Rusama 2017, 14:01, par Mediator
Uyu mu sans echec yanditse ngo DD iramuhitanye agaca yiyita ngo Mediator mumuvume si jewe!!!!!!? Ico ampora ngo nukwo mvugisha ukuri ko guturira abantu mumapine mu Burundi bitagikunda kandi bkavugako Leta y,uburundi igizwe n,amoko yose, icanyuma ngo nukwo mvugako igisoda ca kera arico cari kizibiye amahoro kuko carimwo ubwoko bumwe!!!! Icanyuma Mediator ndi umututsi ariko w,umu DD 100% kuko nataguye ko DD yace gusubiza agateka abarundi boose itarobanuye akarorero raba inzego zigihugu
11 Rusama 2017, 19:21, par DIEUDONN
IMANA IMWAKIREMUBWAMIBWAYO
12 Rusama 2017, 21:52, par Désiré NIZIGIYIMANA
Yezu ati:<< ntimusimbwe n’umutima,muremera IMANA Munyemere nanje nuwuzoba yarapfuye nzomuzura kumusi wimperuka. ndinzira nubuzima ntawuza kwa data atanciyek nuamu janye!>>
12 Rusama 2017, 21:52, par Désiré NIZIGIYIMANA
Yezu ati:<< ntimusimbwe n’umutima,muremera IMANA Munyemere nanje nuwuzoba yarapfuye nzomuzura kumusi wimperuka. ndinzira nubuzima ntawuza kwa data atanciyek nuamu janye!>>
13 Rusama 2017, 15:06, par Emelyne Aimée Ntakirutimana
Selon Jesus Christ: "Urubuto Rutaguye Mwivu Ngo Rupfe Ntirushobora Kwama Ruguma Ari Rwarundi". Imana Imwakire Mu Bwami Bwayo.
13 Rusama 2017, 15:12, par Emelyne Aimée Ntakirutimana
Selon Jesus Christ:"urubuto Rutaguye Mwivu Ngo Rupfe Ntirushobora Kwama Ruguma Ari Rwarundi."imana Imwakire Mu Bwami Bwayo
15 Rusama 2017, 13:08, par .ajtgdmajhmda
amaraso arahuma mani. Uwatumy bamunyuruz ntary ngo aryam imana iramubona