Patiri mukuru wa Paruwasi Muramvya asaba ababishoboye bose gufasha kusanura isengero

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 10 Gitugutu 2017 saa 08:54
Yasomwe : 7893
0 0

Imvura ivanze n’umuyaga mwinshi yaguruye ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere ibisakazo vyo kuri Paruwasi Muramvya. Isengero hamwe n’ibiro vya Patiri mukuru akaba arizo nyubakwa zasinzikaye kurusha izindi.

Muri iyo mvura n’ayandi mazu hafi kuri umunani yaragurutse muri iyo ntara ya Muramvya.

Kuri paruwasi ya Muramvya, amabati agera kuri 25 niyo yagurutse, nk’uko bishikirizwa na Gelase MUGEROWIMANA, Patiri mukuru wa Paruwasi Muramvya, akavuga ko ivyuma bishikana amajwi kure bishobora kwononekara mu gihe imvura yosubira kurwa.

Patiri Gelase MUGEROWIMANA asaba ababishoboye bose ko bofasha kugira iyo Paruwasi isubire gusakarwa, abakirisu basubire kuronka aho basengera.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha