IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amoko yazanywe n’abakoloni b’ababiligi azozimangana buke buke"

"Amoko yazanywe n’abakoloni b’ababiligi azozimangana buke buke"

lundi 6 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asaba umurundi wese kurondera kumenya umuryango avamwo, akamenyesha kandi ko amoko yazanywe n’ababiligi azozimangana buke buke.

Mw’ijambo yashikirije kuri uno wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,ari ku Mukoni ,mu ntara ya Muyinga,aho yahimbarije umunsi mukuru wo kwibuka aho abarundi bemeza amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi,umukuru w’igihugu yavuze ko mu ntango ubumwe bw’abarundi bwari bushingiye ku miryango atari ku moko.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yavuze ko baba abahutu,abatutsi n’abatwa bose wabasanga mu miryango itandukanye yari mu Burundi.

Umunsi mukuru wo kwibuka aho abarundi bemeza amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi,uhimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma uko umwaka utashe,uno mwaka uhimbajwe kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma,kuko wahuriranye n’umunsi w’Imana.


IGIHE

Messages

  • ivugire mutama koko burya ururimi ni akanyama kigenga

  • guma kwivora urazi kahise kuburundi iyaba utari umusenzi wari kwihora none sico IMANA yaguhamagariy yaguhamagariy ngukize abarundi bose atawuvuyemwo abo nabo binjiwemwo numugera wabakokoroni nibaveyo nkuko wababwiye bazohera nkifu yimijira nggra bariko babibona abarundi bumutima turiko tuja hamwe dufatana munda dutahura abaduteranije ako karwi gato kahenzwe nabakoroni tuzokarwaniriza hamwe abahutu abatwa nabatutsi kandi ivyayo moko bikwiye kuranduranwa nimizi kuva kera ugabiye ubutegetsi waricwa mpanure benewacu niba barize koko bubahe ubutegetsi batabwubashe naho bigumire iyo bari bazogaruka abobadashaka kobatwara baraheze bareke guhenda urwaruka baruhindira kwicumu umwami numwami umusuzuguye urahamwa ntimwitwaze demokrasi ngokizotwarwa atandero ntibishobooka nimuze twubahe uwatowe ejo nawe niwashikirwa ntuzokundira uwagusuzugura nimuze tufatane munda vyose murebe ko bidahera nahanura twese turumwe6

  • Oh ubwo utangiye kumenya ko amoko yazanywe n’ abakoloni utangiye kumenya ubwenge. Ngaho rero vana Burundi muma quota ethinique. People are building state nations for nationhood identity not ethnic based nkibyo murimo for so many years. Get educated if you need more mr. President.

  • Ababiligi bazanye amoko Peter Nkurunziza azana Imbonerakure zamaze abantu ngaha mu Burundi,none uwagize nabi kurusha uwundi ninde?genda Peter wazanye akabi kabishe

  • ubwontamuntu adafise ubwoko avamwo?

  • None ahurikuravugiki rya kubahwa Nkurunziza! abazungu utanguye kubavuga kubera batagushigikiye kwica abarundi?, abazungu wirirwa urarimba mbona aribo wirirwa uratega amaboko ubaronderako imfashanyo!, Mbega ibihumbi nibihumbi umaze kugandagura vyabatutsi nabahutu batarinyuma yawe mbe bariko bicwa nababirigi? kwisi nzima amoko asazwe ariho cane gose, ntange akarorero hafi yacu Tanzania ifise abantu bamoko agera kumajana, ntamusi ndumva baririmba amoko nkawe!,sinibagiye mubihugu vyohanze aho mwahora mwirirwa murirukanga, bitunze amoko ibihumbi nibihumbi. Icobashirimbere bashirimbere ubuhinga umuntu yize bwogutezimbere igihugu bataravye ubwoko bwiwe, canke izuru ryiwe, canke umugabwe aturukamwo, canke idini ryiwe.Kiretse perezida wamarekani mushasha yihenze akagomba kwishira muvyamadini. Ariko nawe nyene ndizera bazomuhanura ajekumurongo, ntamugabo atihenda. Nawe nyakubahwa Nkurunziza iyo bikunaniye kubahiriza ubumwe bwabarundi bureka kwirirwa uracisha ababirigi mukanwa. Umugabo umwe niwe yananiwe kubaka urugo rwiwe, mugore amaze gusohoka yigigiriye, acatangura kwidoga rwiyatabanaka umugore wanje ntaba yagiye buje! ariko vyose vyavuye kuriwe, nawe nikuriiiiiii.

  • IHA ABANDI BATWERE NAYAHANDI USHAKA ABARUNDI UBAHITANE URAZIKO ISOKO YA BUJUMBURA WAYITURIYE KUNDASHAKA YAWE AMAKORI BATOZA UBU IRARENZE IVYO VYOSE NI KUGATWE KAWE UZONFA WIHAMBWE UBU NDI TANZANIA KUBERA WEWE ASANT KIFO CAMUTU NISIK UGITWARE NEZA AGATWE KAWE TUZOGAHONDA NA GAFUNI AWE NI NYUNDO?

  • IHA ABANDI BATWERE NAYAHANDI USHAKA ABARUNDI UBAHITANE URAZIKO ISOKO YA BUJUMBURA WAYITURIYE KUNDASHAKA YAWE AMAKORI BATOZA UBU IRARENZE IVYO VYOSE NI KUGATWE KAWE UZONFA WIHAMBWE UBU NDI TANZANIA KUBERA WEWE ASANT KIFO CAMUTU NISIK UGITWARE NEZA AGATWE KAWE TUZOGAHONDA NA GAFUNI AWE NI NYUNDO?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.